Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
046

Al-Ahqaf 46:21 ۞ واذكر اخا عاد اذ انذر قومه بالاحقاف وقد خلت النذر من بين يديه ومن خلفه الا تعبدوا الا الله اني اخاف عليكم عذاب يوم عظيم ٢١

46:21
۞ وَٱذۡكُرۡ
أَخَا
عَادٍ
إِذۡ
أَنذَرَ
قَوۡمَهُۥ
بِٱلۡأَحۡقَافِ
وَقَدۡ
خَلَتِ
ٱلنُّذُرُ
مِنۢ
بَيۡنِ
يَدَيۡهِ
وَمِنۡ
خَلۡفِهِۦٓ
أَلَّا
تَعۡبُدُوٓاْ
إِلَّا
ٱللَّهَ
إِنِّيٓ
أَخَافُ
عَلَيۡكُمۡ
عَذَابَ
يَوۡمٍ
عَظِيمٖ
٢١
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’Umuvugishwamana Huudi mwenewabo na Bene Aadi, igihe yagabisha abantu biwe ku bihano vy’Imana Allah, bakaba baba ahitwa Al-Ahqaafu1. Ni ukuri, n’imbere y’irungikwa ryiwe no mu nyuma y’aho, hararungitswe n’izindi Ntumwa zigabisha abantu ku bihano vy’Imana Allah, imwe yose muri zo yashikiriza ubutumwa nk’ubwo izindi zashikiriza, iti: “Ntimukiyegereze mu vyo mukora vyose ngo munasenge ikintu na kimwe atari Imana Allah, mu vy’ukuri ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vyo ku musi w’intureka zihambaye, umusi w’izurwa ry’ibiremwa”.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Story of `Ad

Allah says, consoling His Prophet in regard to the rejection of those who opposed him among his people,

وَاذْكُرْ أَخَا عَادٍ

(And remember the brother of `Ad,) This refers to Hud, peace be upon in him. Allah sent him to the first people of `Ad who inhabited Al-Ahqaf. Ahqaf is plural o

…

The Story of `Ad

Allah says, consoling His Prophet in regard to the rejection of those who opposed him among his people,

وَاذْكُرْ أَخَا عَادٍ

(And remem

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 46, Page 505, Juz 26

21. Ntumwa y’Imana! Ibuka n’Umuvugishwamana Huudi mwenewabo na Bene Aadi, igihe yagabisha abantu biwe ku bihano vy’Imana Allah, bakaba baba ahitwa Al-Ahqaafu. Ni ukuri, n’imbere y’irungikwa ryiwe no mu nyuma y’aho, hararungitswe n’izindi Ntumwa zigabisha abantu ku bihano vy’Imana Allah, imwe yose muri zo yashikiriza ubutumwa nk’ubwo izindi zashikiriza, iti: “Ntimukiyegereze mu vyo mukora vyose ngo munasenge ikintu na kimwe atari Imana Allah, mu vy’ukuri ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vyo ku musi w’intureka zihambaye, umusi w’izurwa ry’ibiremwa”. 22. Bene Aadi babwiye Huudi bati: “Karashize ingani, utuzanire ubutumwa bwo kugira udukure kw’isengwa ry’imana zacu! Enda nyabuna rero, ko tuvyanse, duhe ibihano udusezeranira niwaba uri mu mvugakuri koko”. 23. Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabishuye ati: “Ni ukuri isango ivyo bihano ndabasezeranira vyoshikirako, rizwi n’Imana Allah, ico njejwe ni ukubashikiriza ubutumwa narungikanwe. Ariko rero n’aho biri ukwo, jewe mbona ko mwebwe muri ibijuju ku kwihutira gusaba ko muhanwa”. 24. Aho baboneye rero igicu ciyegeranije mu kirere cerekera mu kabande kabo, kikaba carimwo ibihano biturutse hejuru basezeraniwe, bavuze bati: “Iki gicu gihava kiduha akavura maze duhembuke”. Huudi yababwiye ati: “Haba namba! Si igicu c’imvura nk’uko muvyibaza, ahubwo nyabuna, ni vya bihano mwihutira kwisabira, ni igicu kizananye n’igihuhusi kirimwo ibihano bikaze”. 25. Nya gihuhusi, carandurana n’imizi ikintu ico ari co cose vyahura kw’itegeko ry’Imana yaco Rurema Allah. Ni ho rero, Bene Aadi bahona bose, nta n’igisanira wobona casigaye muri bo, kiretse ko hasigaye imihana yabo babamwo ahitwa Al-Ahqaafu. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahoneje Bene Aadi - Duhana abantu b’ababanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu. 26. Bakorayishi! Ni ukuri Bene Aadi, Twari Twarabahaye ibibatsimbataza kw’isi ku rugero rusumba kure n’iyo ivyo Twabahaye bibatsimbataje kw’isi; Twabagiriye n’amatwi, amaso n’imishaha kugira babikoreshe mu kwumva no mu kubona ukuri, baheze batahure bagukurikire; ariko nya matwi, amaso hamwe n’imishaha nta na kimwe vyabamariye, kuko bahora bahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, maze bugarizwa n’ibihano bibabaza, bahora bateburako.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute