Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
021

Al-Anbiya 21:65 ثم نكسوا على رءوسهم لقد علمت ما هاولاء ينطقون ٦٥

21:65
ثُمَّ
نُكِسُواْ
عَلَىٰ
رُءُوسِهِمۡ
لَقَدۡ
عَلِمۡتَ
مَا
هَٰٓؤُلَآءِ
يَنطِقُونَ
٦٥
Hanyuma ntivyatevye, baca bisubirako babwira Ibrahimu bati: “Ni ukuri, urazi neza ko izi mana zitavuga, twozibaza gute!”.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The People's admission of their gods' incapability, and Ibrahim's preaching

Allah tells us that when Ibrahim said what he said, his people

فَرَجَعُواْ إِلَى أَنفُسِهِمْ

(turned to themselves) meaning, they blamed themselves for not taking precautions and protecting their gods. They said:

إِنَّكُمْ أَنتُ
…

The People's admission of their gods' incapability, and Ibrahim's preaching

Allah tells us that when Ibrahim said what he said, his people

فَرَجَعُواْ إ
…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 21, Page 327, Juz 17

51. Ni ukuri, Twarahaye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) uburongozi yararikiye abantu kubukurikira imbere y’irungikwa rya Musa na Haruna, kandi Twari Tuzi neza ko abikwiye; 52. Igihe yabwira se n’abantu biwe yarungitsweko ati: “Ibi bigirwamana mwabaje maze mukitwararika kubisenga, ni ibiki?”; 53. Bishuye Ibrahimu bati: “Twasanze abavyeyi bacu babisenga ukwo nyene, maze na twe turaheza turabigana”; 54. Ibrahimu yababwiye ati: “Ni ukuri mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, muri mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y’ukuri”; 55. Babwiye Ibrahimu bati: “Iryo jambo waje kutubwira, ryoba ari iry’ukuri, canke woba uri mu bifyinira, batebura?”; 56. Ibrahimu yababwiye ati: “Ahubwo Imana yanyu Rurema Allah ndabararikira gusenga, ni Yo Mana Yaremye amajuru n’isi, kandi jewe kuri ivyo ndi mu bavyemeza koko”. 57. Ibrahimu ni ho yahigira nya bigirwamana, maze avuga ati: “Ndanarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko ntegerezwa gukora ibishoboka vyose nkamenagura ibigirwamana vyanyu nimwamara kubisiga vyonyene”. 58. Ni ho rero Ibrahimu yamenagura nya bigirwamana abigira ubunywenywe, kiretse gusa gikuru cavyo yasize kugira bahave bakibaza ku vyashikiye ibindi bigirwamana. 59. Bamaze kugaruka rero bagasanga ibigirwamana vyamenaguwe, barabazanije hagati yabo bati: “Ni nde ga yemwe yubahutse kumenagura imana zacu! Uyo muntu nta nkeka ko ari mu bantu birenganije mu gusuzugura imana zacu”. 60. Abari bumvise Ibrahimu ahiga ko azobimenagura, bavuze bati: “Twarumvise umusore yabinebaguye, bamwita Ibrahimu”. 61. Indongozi muri bo zaciye zivuga ziti: “Nimurengutse Ibrahimu aheze yemange ivyo yakoze imbere y’ishengero ry’abantu, kugira babe ivyabona”. 62. Ni ho rero barengutsa Ibrahimu baca baramubaza ishavu riniga bati: “Burahi! Mbega ni wewe wubahutse kumenagura imana zacu?”. 63. Na we abishura mu kubereka ubujuju bwabo ati: “Ahubwo nyabuna iki gikuru muri vyo, ni co cabikoze! Mbona vyiza mwobaza izo mana ku vyazishikiye nizaba zishoboye kuvuga canke kwishura!”. 64. Ubwanwa bwaciye bupfuka umunwa, maze barabona ko imana zabo ata co zishoboye, ni ho bikebukana baraheza babwirana hagati yabo bati: “Mu vy’ukuri, mwebwe mwarirenganije mw’ibangikanyamana!”. 65. Hanyuma ntivyatevye, baca bisubirako babwira Ibrahimu bati: “Ni ukuri, urazi neza ko izi mana zitavuga, twozibaza gute!”. 66. Ibrahimu yabishuye n’agasuzuguro ati: “None bigenda gute ngo musenge mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata co bibamariye mu gihe mubisenze, ata n’ico bibicira mu gihe mutobisenga!”; 67. Murakamaramara mwebwe hamwe n’imana zanyu musenga mu gishingo c’Imana Allah! Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ububi bw’ivyo mugira! 68. Ubwanwa bumaze gupfuka umunwa, ukuri kukabagira, bahisemwo gukoresha igikenye baraheza bavuga bati: “Nyabuna nimuturire Ibrahimu, muheze mwihorere imana zanyu nimwaba mushaka kuzigarukira”. 69. Barakanagaye bacana inkonge y’umuriro, maze bayitereramwo Ibrahimu, ni ho rero Twebwe Allah Twatabara Ibrahimu Duti: “Wa muriro we! Ba imbeho n’itekane kuri Ibrahimu!”. Maze umuriro uri aho, uraheza urazima ata co umutwaye. 70. Bashatse gukoresha urwenge ngo Ibrahimu apfe, maze Twebwe Allah Tuba Twabahinyuye kera baraheza baraneshwa. 71. Ni ho rero Twarokora Ibrahimu hamwe na Luutwi yamwemera, Turaheza Tubakura muri Iraki Tubimurira muri Shaamu ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute