Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
021

Al-Anbiya 21:78 وداوود وسليمان اذ يحكمان في الحرث اذ نفشت فيه غنم القوم وكنا لحكمهم شاهدين ٧٨

21:78
وَدَاوُۥدَ
وَسُلَيۡمَٰنَ
إِذۡ
يَحۡكُمَانِ
فِي
ٱلۡحَرۡثِ
إِذۡ
نَفَشَتۡ
فِيهِ
غَنَمُ
ٱلۡقَوۡمِ
وَكُنَّا
لِحُكۡمِهِمۡ
شَٰهِدِينَ
٧٨
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru y’Umuvugishwamana Dawudi hamwe n’umwana wiwe Sulayimani (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe baca urubanza rw’abantu babiri babitwayeko, aho intungwa z’umwe muri bo zonye mw’ijoro umurima w’uwundi, maze Dawudi aca urubanza ko izo ntungwa zokwegukira nyenumurima, kuko zanganya igiciro n’ivyononekaye, kandi Twari n’Ivyabona ku ngingo yafashe.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Dawud and Sulayman and the Signs which They were given; the Story of the People whose Sheep pastured at Night in the Field

Abu Ishaq narrated from Murrah from Ibn Mas`ud: "That crop was grapes, bunches of which were dangling." This was also the view of Shurayh. Ibn `Abbas said: "Nafash means grazing.

…

Dawud and Sulayman and the Signs which They were given; the Story of the People whose Sheep pastured at Night in the Field

Abu Ishaq narrated from Murr

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 21, Page 328, Juz 17

78. Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru y’Umuvugishwamana Dawudi hamwe n’umwana wiwe Sulayimani (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe baca urubanza rw’abantu babiri babitwayeko, aho intungwa z’umwe muri bo zonye mw’ijoro umurima w’uwundi, maze Dawudi aca urubanza ko izo ntungwa zokwegukira nyenumurima, kuko zanganya igiciro n’ivyononekaye, kandi Twari n’Ivyabona ku ngingo yafashe. 79. Ni ukwo rero Twebwe Allah, Turaheza Tumenyesha Sulayimani (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ko yobatunganiriza bompi akaja hagati ku neza y’umwe wese; nyenintungwa agategekwa gusubiriza ivyononywe muri nya murima, hanyuma nyenumurima na we akaba arikora kuri nya ntungwa mu kiringo co kurindira ko nya murima wera; hanyuma nya murima niwamara kwera, umwe wese agaheza agasubirana ivyiwe. Kandi burya Dawudi na Sulayimani, umwe wese muri bo, Twebwe Allah Twamuhaye ububasha bwo gufata ingingo n’ubumenyi. Twaranorohereje Dawudi ku buryo imisozi hamwe n’inyoni vyitabira ininahaza n’itaziramana ryiwe. Ivyo vyose rero Twarabikoze. 80. Twebwe Allah, Twahariye Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ubumenyi bwo guhingura mu cuma impuzu zo gukingira umutumba gushikirwa n’imyampi n’imipanga mu gihe c’indwano, ari na bwo mwagumye muhererekana mwebwe abantu mu kwikingira mu ndwano. Ubwo none ntimwoshimira Imana Allah kuri ubwo buhinga Yigishije Umuja wayo Dawudi! 81. Twaranorohereje Sulayimani kwikora ku gihuhusi we hamwe n’abo bari kumwe, kikamwunguruza kw’itegeko ryiwe gushika muri Bayti l-Maqdis mu bihugu vya Shaamu, ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); kandi burya twebwe Allah, Twamye Tuzi neza ibintu vyose. 82. Twarashoboje Sulayimani no kwikora ku mashetani, akagira ayo akoresha muri yo mu bikorwa vyo kwibira mw’ibahari kuropora ubutare n’amabuye y’agaciro, no mu guhingura ivyo yipfuza; kandi nya mashetani nta burenganzira yari afise bwo kwanka ivyo ayategetse, kandi Twebwe Allah Twarayamubungabungiye.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute