Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
021

Al-Anbiya 21:89 وزكريا اذ نادى ربه رب لا تذرني فردا وانت خير الوارثين ٨٩

21:89
وَزَكَرِيَّآ
إِذۡ
نَادَىٰ
رَبَّهُۥ
رَبِّ
لَا
تَذَرۡنِي
فَرۡدٗا
وَأَنتَ
خَيۡرُ
ٱلۡوَٰرِثِينَ
٨٩
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Zakariya (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yahamagara Imana yiwe Rurema Allah, ayitakambira ko Yomuronsa umwana inyuma y’aho agereye mu za bukuru, avuga ati: “Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ntungire ingumba ngo nzopfe ata kibondo nsize, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa mu guhagararira bikwiye idini ryawe ninamara gupfa, burya ni Wewe Umwiza wa ba samuragwa.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Zakariyya and Yahya

Allah tells us of His servant Zakariyya, who asked Allah to grant him a son who would be a Prophet after him. The story has already been given in detail at the beginning of Surah Maryam and also in Surah `Imran. Here an abbreviated version is given.

إِذْ نَادَى رَبَّهُ

(when he crie

…

Zakariyya and Yahya

Allah tells us of His servant Zakariyya, who asked Allah to grant him a son who would be a Prophet after him. The story has already

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 21, Page 329, Juz 17

85. Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi inkuru ya Ismayili, Idrisa na Dhu l-kifli (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), abo bose barihanganira igamburukiramana n’igeragezwa, bituma bayagwa neza n’ibiremwa; 86. Turaheza Tubinjiza no mu mpuhwe zacu Twebwe Allah, mu vy’ukuri bari mu beranda bagamburukira Imana Allah. 87. Ibuka n’inkuru y’uwigeze kumirwa n’ifi amahanga, Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Twarungitse ku bantu biwe, maze ntibamwumvira, ico gihe yaratwawe n’agashavu araheza ahunga abo yarungitsweko atekewe n’agahinda ko kutumvirwa, yibwira ko Twebwe Allah Tutobimuhora Tukamushira mu kaga, ni ho yagirwa n’isi atamirwa n’ifi amahanga, araheza ahamagara ari mu mwijima w’amoko atatu, atakamba yigaya ku kutaguma mu bantu yarungitsweko, avuga ati: “Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Wewe gusa Mana; ininahazwa ni iryawe, mu vy’ukuri nari mu birenganije”. 88. Ni ho rero Twumvira Yunusu mwene Matta, Turaheza Tumukura muri nya kaga, ni nk’ukwo nyene rero Dukura mu kaga abemeramana vy’ukuri. 89. Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Zakariya (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yahamagara Imana yiwe Rurema Allah, ayitakambira ko Yomuronsa umwana inyuma y’aho agereye mu za bukuru, avuga ati: “Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ntungire ingumba ngo nzopfe ata kibondo nsize, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa mu guhagararira bikwiye idini ryawe ninamara gupfa, burya ni Wewe Umwiza wa ba samuragwa. 90. Ni ho Zakariya Twamwumvira Turaheza Tumuronsa umwana yitwa Yah-ya, umukenyezi wiwe na we Twaramushoboje gusama imbanyi inyuma y’aho yari ingumba ageze no mu za bukuru. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, abo bose Tukudondaguriye barahurumbira ivyiza, bakanadusaba barajwe ishinga no kuronka inema zacu, batinya n’ibihano vyacu, baranicisha bugufi kuri Twebwe Allah. 91. Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Mariyamu umukobwa wa Amraani, yabungabunze ubwambure bwiwe, Turaheza Tumurungikira umumalayika Jibrili amuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho” iturutse iwacu, aca arasama imbanyi ya Isa ata mugabo babonanye. Mariyamu n’umwana wiwe Isa rero, Twabagize ikimenyetso cereka ibiremwa vyose ubushobozi n'ububasha vyacu Twebwe Allah gushika ku musi w’umuhero w’isi.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute