Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
008

Al-Anfal 8:12 اذ يوحي ربك الى الملايكة اني معكم فثبتوا الذين امنوا سالقي في قلوب الذين كفروا الرعب فاضربوا فوق الاعناق واضربوا منهم كل بنان ١٢

8:12
إِذۡ
يُوحِي
رَبُّكَ
إِلَى
ٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ
أَنِّي
مَعَكُمۡ
فَثَبِّتُواْ
ٱلَّذِينَ
ءَامَنُواْۚ
سَأُلۡقِي
فِي
قُلُوبِ
ٱلَّذِينَ
كَفَرُواْ
ٱلرُّعۡبَ
فَٱضۡرِبُواْ
فَوۡقَ
ٱلۡأَعۡنَاقِ
وَٱضۡرِبُواْ
مِنۡهُمۡ
كُلَّ
بَنَانٖ
١٢
Muvugishwamana! Igihe Imana yawe Rurema Allah Yahishurira abamalayika Irungitse kubatera intege ku rugamba rwa “Badri” Iti: “Jewe Allah, mu vy’ukuri Ndi kumwe na mwe Ndabateye intege. Kubera ivyo rero, genda mutere intege abemeye Imana Allah, Nshoke Ntera n’ubwoba mu mitima y’abagararije”, ni uko rero bemeramana! Nimuce imitwe n’ibikonjo vy’abagarariji;
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Slumber overcomes Muslims

Allah reminds the believers of the slumber that He sent down on them as security from the fear they suffered from, because of the multitude of their enemy and the sparseness of their forces. They were given the same favor during the battle of Uhud, which Allah described,

ثُمّ

…

Slumber overcomes Muslims

Allah reminds the believers of the slumber that He sent down on them as security from the fear they suffered from, because of

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 8, Page 178, Juz 9

11. Ibuka igihe Imana Allah Yabahunyiriza muri ku rugamba rwa Badri, kugira ngo Ibatekanishe ntimwicwe n’ubwoba bwo gutinya gutsindwa, Ikanabamanurira n’amazi y’imvura asukuye kugira ngo Ibahumanure, Inabeze n’imitima ntirangwe n’inyoshambi za shetani, Inabahe n’ukwihangana ku rugamba, Yongere Ibatsimbataze mukenyere zigume, ntimuhave munyerera urugamba rumaze kureta. 12. Muvugishwamana! Igihe Imana yawe Rurema Allah Yahishurira abamalayika Irungitse kubatera intege ku rugamba rwa “Badri” Iti: “Jewe Allah, mu vy’ukuri Ndi kumwe na mwe Ndabateye intege. Kubera ivyo rero, genda mutere intege abemeye Imana Allah, Nshoke Ntera n’ubwoba mu mitima y’abagararije”, ni uko rero bemeramana! Nimuce imitwe n’ibikonjo vy’abagarariji; 13. Ivyo vyashikiye abagarariji ku kwimonogoza kwabo mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo. Uwo wese rero yimonogoje mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo, mu vy'ukuri Imana Allah Izomuhana Imuhashe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. 14. Bagarariji! Ico ni co gihano canyu, nimucumvirize ng’aha kw’isi. Muranategekanirijwe n’ibihano vyo mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. 15. Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwahangana imbona nkubone n’abagararije ku rugamba, ntimuzogenze umugongo ngo muhunge, ahubwo murahabera intwari mutsimbatare. 16. Uwuzogenza umugongo kuri uwo musi, azoba akwiye ishavu ry’Imana Allah, kiretse hamwe yogenza umugongo ashaka kwigobotora ingabo z’abagarariji canke guhungira ku ngabo z’abislamu ziri ku rugamba. Uwuzogenza rero umugongo, ubushikiro bwiwe ni mu muriro wa Jahannamu. Iryo ni ryo herezo ribi cane. 17. Bemeramana! Ntimwishe ababangikanyamana ku rugamba rwa Badri ku bubasha bwanyu, ariko Imana Allah ni Yo Yabashoboje kubica. Eka si na wewe Ntumwa y’Imana wabateye urucekeri mu maso, ariko Imana Allah ni Yo Yagushoboje kubagema mu maso. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Igerageze abemeramana igeragezwa ryiza ribashikana ku ntsinzi, rikanabaduza n’urwego rwo hejuru mu guharanira idini ryayo, Yongere Inabamenyeshe inema zayo kuri bo baheze bayishimire. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muserura n’ivyo munyegeza mu mishaha, Irazi ivyankenerwa vy’ibiremwa. 18. Ivyo vyose rero vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri”, bituruka ku Mana Allah, nta n’inkeka rero ko bitebe bitebuke, Imana Allah Izoca ingoga iburagiza ry’abagarariji gushika baneshejwe. 19. Bagarariji! Nimwasabira abarenganya abandi igihano ku Mana Allah, nta nkeka ko Imana Allah Yamaze kubumvira igihe Yabahanisha ukuneshwa ku rugamba. Nimwaramuka rero mwisubiyeko mukavavanura n’igarariza ry’Imana Allah, mukanareka kurwanya n’Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ivyo bizoba ari vyiza kuri mwebwe. Nimwongera kurwanya Umuvugishwamana, Tuzosubira Tubatsinde kandi, imigwi yanyu nta na kimwe izoheza ngo ibamarire, n’aho izoba igizwe n’ingabo n’ibirwanisho vyinshi, kanatsinda Imana Allah Iri kumwe n’abemeramana, ntibatana urugamba.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute