Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
008

Al-Anfal 8:21 ولا تكونوا كالذين قالوا سمعنا وهم لا يسمعون ٢١

8:21
وَلَا
تَكُونُواْ
كَٱلَّذِينَ
قَالُواْ
سَمِعۡنَا
وَهُمۡ
لَا
يَسۡمَعُونَ
٢١
Bemeramana! Eka ntimukabe nk’ababangikanyamana n’indyarya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), igihe basomerwa Qor’ani bavuze bati: “Twumvise”, kandi batigeze bategera namba ivyo bumvise ngo babizirikane.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Command to obey Allah and His Messenger

Allah commands His believing servants to obey Him and His Messenger and warns them against defying him and imitating the disbelievers who reject him. Allah said,

وَلاَ تَوَلَّوْاْ عَنْهُ

(and turn not away from him...), neither refrain from obeying him or fo

…

The Command to obey Allah and His Messenger

Allah commands His believing servants to obey Him and His Messenger and warns them against defying him and

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 8, Page 179, Juz 9

20. Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubandanye na ntaryo mwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, ntimuzodohoke kuri iryo yumviramana kandi mwama mwumvise ivyemezo musomerwa muri Qor’ani. 21. Bemeramana! Eka ntimukabe nk’ababangikanyamana n’indyarya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), igihe basomerwa Qor’ani bavuze bati: “Twumvise”, kandi batigeze bategera namba ivyo bumvise ngo babizirikane. 22. Mu vy’ukuri ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni intumva zazivye amatwi, zitigera zitahura ukuri; zikaba n’ibiragi vyagovye indimi, zitigera zivuga ukuri. Abo rero, ni bo badatahura ngo bubahirize amabwirizwa y’Imana Allah. 23. Iyo Imana Allah Imenya ko barangwa n’iciza, Yari gutuma bumva bagatahura inyigisho za Qor’ani, bagaheza bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. N’iyo Ituma na ho bumva nya nyigisho, bari kugenza umugongo, ntibari kwemera namba n’ibigirankana, birengagiza ukuri bakuzi. 24. Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo mu gihe Ibahamagariye kwubahiriza ukuri guheza kukabaha ubuzima bwiza . Nimumenye ko Imana Allah ari Yo Ishoboye gutera intambamyi hagati y’umuntu n’ivyo umushaha wiwe wipfuza. Mumenye n’uko muzokwegeranirizwa kuri Yo ku musi w’izuka, Igahembera umwe wese ivyo yakoze. 25. Bemeramana! Nimwiyubare igeragezwa ry’ikiza ridashikira gusa ibigaba muri mwebwe , ahubwo riranashikira n’aberanda bari bashoboye gusemerera bakamirira kure ibikorwa n’ivyo bigaba, ariko bakigira ba sindabibazwa, bakirengagiza. Nimumenye kandi ko Imana Allah Ihana Igahasha abaca kubiri n’amabwirizwa yayo. 26. Bemeramana! Nimwibuke inema z’Imana Allah kuri mwebwe igihe mwari inkehwa i Makka, mucinyizwa, mutinya ko abagarariji bobanyuruza bakabamarira ku buhomba, maze Imana Allah Ibaha ubuhungiro, mwimukira i Madina, Iranabatera n’intege mutsinda abagarariji ku rugamba rwa “Badri”, Iranabaronsa iminyago kugira muyishimire. 27. Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugahemukire Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa yayo. Ntimukanihemukire mwebwe nyene mu kudacungera imbitso mwaragijwe n’Imana Allah, kandi muzi neza ko mutegerezwa kuzibungabunga. 28. Nimumenye kandi ko amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ari ibigeragezo kuri mwebwe kugira Imenye ko muyishimira canke ko muyirengagiza! Mumenye n’uko ku Mana Allah hari impera nta ngere ku bayigamburukira.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute