Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
008

Al-Anfal 8:44 واذ يريكموهم اذ التقيتم في اعينكم قليلا ويقللكم في اعينهم ليقضي الله امرا كان مفعولا والى الله ترجع الامور ٤٤

8:44
وَإِذۡ
يُرِيكُمُوهُمۡ
إِذِ
ٱلۡتَقَيۡتُمۡ
فِيٓ
أَعۡيُنِكُمۡ
قَلِيلٗا
وَيُقَلِّلُكُمۡ
فِيٓ
أَعۡيُنِهِمۡ
لِيَقۡضِيَ
ٱللَّهُ
أَمۡرٗا
كَانَ
مَفۡعُولٗاۗ
وَإِلَى
ٱللَّهِ
تُرۡجَعُ
ٱلۡأُمُورُ
٤٤
Ibuka kandi n’igihe mwahurira n'abansi banyu ku rugamba, Imana Allah Ikabereka ko igitigiri cabo ari gito, gutyo bituma mwubahuka guhangana na bo, na bo nyene Iraheza Ibereka ko igitigiri canyu ari gito kugira ntibitegurire bikwiye kubarwanya. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Ishitse icagezwe ko Yageneye abatoni bayo intsinzi, gutyo ijambo ryayo riganze, iry’abagarariji na ryo riganzwe. Burya rero ku Mana Allah, ni ho ibintu vyose bizosubira kugira Ihembere umwe wese ivyo yakoze.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Allah made each Group look few in the Eye of the Other

Mujahid said, "In a dream, Allah showed the Prophet the enemy as few. The Prophet conveyed this news to his Companions and their resolve strengthened." Similar was said by Ibn Ishaq and several others. Allah said,

وَلَوْ أَرَاكَهُمْ كَثِيراً لَّف
…

Allah made each Group look few in the Eye of the Other

Mujahid said, "In a dream, Allah showed the Prophet the enemy as few. The Prophet conveyed this

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 8, Page 182, Juz 10

41. Bemeramana! Nimumenye kandi ko ikintu ico ari co cose munyaze ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah, ivya bitanu bine vyaco ari ivy’abarurwanye, ica gatanu gisigaye kikagaburwamwo imice itanu: umuce ugenerwa Imana Allah n’Intumwa yayo, uheza ugakoreshwa mw’iterambere rusangi ry’abislamu; uwugenerwa abavandimwe b’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muri Bene Hashimu na Bene Al-Muttwalib; uw’impfuvyi zitaragera mu bigero; uw’abakene hamwe rero n’uw’abari ku rugendo bakehaniwe n’uburyo. Ivyo rero muravyubahiriza nimwaba mwemera koko Imana Imwe Rudende Allah, mukemera n’ivyo Twebwe Allah Twamanuriye Umuja wacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu bitangaro, iterantege n’intsinzi Yabashikanyeko ku musi Itandukanya ukuri n’ikinyoma ku rugamba rwa Badri, umusi imigwi ibiri ihangana: uw’abemeramana n’uw’ababangikanyamana; burya rero Imana Allah ni Mushoboravyose. 42. Bemeramana! Nimwibuke n’igihe mwari mu kabande kari mu micungararo ya Madina, umwansi wanyu na we ari mu kabande kari hirya yanyu, ico gihe ibitwazi vyikoreye ibidandazwa vyari amaja epfo yanyu ku nkengera z’ibahari ritukura; iyo muhana isango ryo kuhahurira ntimwari kurihurizako, ariko Imana Allah Yarabahuje kw’isango mutari mwiteze kugira Ishitse icagezwe ko Yageneye intsinzi abatoni bayo, n’uko iteterezwa ryo kwicwa no kugirwa imbohe ari iry’abansi bayo. Ivyo vyabaye ukwo, kugira ngo uwuhahonera wese, ahone yamaze kwibonera ivyemezo vy’Imana Allah; uwuharokoka na we nyene, arokoke yamaze kwibonera ivyemezo vyayo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’imigwi yompi; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo iyo migwi ikora n’ivyo izirikana. 43. Muvugishwamana! Ibuka igihe Imana Allah Ikwereka mu ndoto ko igitigiri c’abansi bawe ari gito, ukanabibwira n’abemeramana, gutyo bituma bagira ishaka ryo kuja ku rugamba. Iyo Imana Allah Ikwereka ko igitigiri cabo ari kinini, ingendanyi zawe zari guhazana kuja ku rugamba, bigatuma munanirwa gufata ingingo yo kurujako, ariko rero Imana Allah Yarakinze ntimwananirwa gufata nya ngingo, muraheza murarusimba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi ibinyegejwe mu mishaha. 44. Ibuka kandi n’igihe mwahurira n'abansi banyu ku rugamba, Imana Allah Ikabereka ko igitigiri cabo ari gito, gutyo bituma mwubahuka guhangana na bo, na bo nyene Iraheza Ibereka ko igitigiri canyu ari gito kugira ntibitegurire bikwiye kubarwanya. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Ishitse icagezwe ko Yageneye abatoni bayo intsinzi, gutyo ijambo ryayo riganze, iry’abagarariji na ryo riganzwe. Burya rero ku Mana Allah, ni ho ibintu vyose bizosubira kugira Ihembere umwe wese ivyo yakoze.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute