Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
007

Al-A'raf 7:56 ولا تفسدوا في الارض بعد اصلاحها وادعوه خوفا وطمعا ان رحمت الله قريب من المحسنين ٥٦

7:56
وَلَا
تُفۡسِدُواْ
فِي
ٱلۡأَرۡضِ
بَعۡدَ
إِصۡلَٰحِهَا
وَٱدۡعُوهُ
خَوۡفٗا
وَطَمَعًاۚ
إِنَّ
رَحۡمَتَ
ٱللَّهِ
قَرِيبٞ
مِّنَ
ٱلۡمُحۡسِنِينَ
٥٦
Kandi ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose kw’isi, inyuma y’aho Imana Allah Iyitunganirije ku kurungika Intumwa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), ikabungabungwa hisunzwe iyumviramana; muheze kandi muyitumbere mu kuyisaba mutayibangikanya, mutinya ibihano vyayo, mwizera n’indishi kuri Yo. Mu vy’ukuri impuhwe z’Imana Allah, ziri hafi cane y’abagwaneza.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Encouraging supplicating to Allah

Allah commands His servants to supplicate to Him, for this will ensure their welfare in this life and the Hereafter. Allah said,

ادْعُواْ رَبَّكُمْ تَضَرُّعًا وَخُفْيَةً

(Invoke your Lord Tadarru`an and Khufyah) meaning, in humbleness and humility. Allah said in a simi

…

Encouraging supplicating to Allah

Allah commands His servants to supplicate to Him, for this will ensure their welfare in this life and the Hereafter.

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 7, Page 157, Juz 8

54. Bantu! Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, Ituma ijoro rihwikira umurango bugaheza bukira, Igatuma n'umurango uhwikira ijoro bugaheza bugaca; kimwe cose muri ivyo, kigakurikira ikindi bukebuke bikurakuranwa igihe cose. Ni na Yo Yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri, vyose bikaba vyicishije bugufi bigenzwa n’itegeko ryayo, ni n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah Iriho. Bantu nimwumve mwumvireho! Iremwa n’itegekwa ry’ivyo vyose ni iryayo, harakubahwa haninahazwe rero Imana Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose. 55. Bemeramana! Nimusabe Imana yanyu Rurema Allah mwicishije bugufi mu mpisho mutiyerekana, umutima uri mu nda. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z'ibibujijwe mu gusaba ikitari Yo; 56. Kandi ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose kw’isi, inyuma y’aho Imana Allah Iyitunganirije ku kurungika Intumwa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), ikabungabungwa hisunzwe iyumviramana; muheze kandi muyitumbere mu kuyisaba mutayibangikanya, mutinya ibihano vyayo, mwizera n’indishi kuri Yo. Mu vy’ukuri impuhwe z’Imana Allah, ziri hafi cane y’abagwaneza. 57. Iyo Mana Allah, ni Yo Ituma umuyaga usunika ibicu ugatanga umwizero w’imvura ko igiye kugwa ku burenganzira bwayo, maze ibiremwa bikaboneraho kuronka impuhwe zayo. Iyo rero nya muyaga utanguye gusunika ibicu vy’imvura, Twebwe Allah Turaheza Tugashorera nya bicu ahari isi yagadutse, ubwatsi, ibiterwa n’ibiti bikuma, Tugashoka rero Turekurira nya mvura ikagwa, bwa bwatsi, ibiterwa n’ibiti bigasubira gutotahara, maze nya biterwa n'ibiti bigaheza bikama ivyamwa vy’ubwoko bwose. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dutuma isi yagadutse isubira gutotahara - Tuzozura abapfuye bazuke ari bazima. Ivyo rero biri ukwo, kugira mwibuke ko Imana Allah ari Imwe Rudende, kandi ko Ishoboye kuzura n'abapfuye. 58. Burya isi y’akanovera iyo ironse imvura, ibiterwa vyayo biraheza bigatotahara bikera ku burenganzira bw’Imana yayo Rurema Allah; nayo isi ititutse, ibiterwa vyayo ntivyera kiretse ibihumbwa gusa, naho nyene bigoranye. Ni nk’uko nyene rero - Dutanga uburorero butomoye - Dutanga ivyemezo vy’ubwoko bwose vyerekana ukuri ku bantu bashima inema z’Imana Allah, bagaheza bakayumvira.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute