Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
002

Al-Baqarah 2:197 الحج اشهر معلومات فمن فرض فيهن الحج فلا رفث ولا فسوق ولا جدال في الحج وما تفعلوا من خير يعلمه الله وتزودوا فان خير الزاد التقوى واتقون يا اولي الالباب ١٩٧

2:197
ٱلۡحَجُّ
أَشۡهُرٞ
مَّعۡلُومَٰتٞۚ
فَمَن
فَرَضَ
فِيهِنَّ
ٱلۡحَجَّ
فَلَا
رَفَثَ
وَلَا
فُسُوقَ
وَلَا
جِدَالَ
فِي
ٱلۡحَجِّۗ
وَمَا
تَفۡعَلُواْ
مِنۡ
خَيۡرٖ
يَعۡلَمۡهُ
ٱللَّهُۗ
وَتَزَوَّدُواْ
فَإِنَّ
خَيۡرَ
ٱلزَّادِ
ٱلتَّقۡوَىٰۖ
وَٱتَّقُونِ
يَٰٓأُوْلِي
ٱلۡأَلۡبَٰبِ
١٩٧
Igihe co gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka ni amezi azwi1. Uwuzozirikana rero kuyishengerera muri ayo mezi, kizoba kizira kuri we kurangura amabanga y’abubatse, kuvuga ibishegu n’ibindi bijanye na vyo, hamwe rero no guharira gutera urwanko n’ishavu mu gihe co gutunganya ibikorwa vy’ishengerera ry’iyo ngoro. Ico mugira cose mu vyiza, Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera. Muraheza rero munatekere impamba ikwiye mu rugendo rwo kuyishengerera, hamwe rero n’impamba y’ivyeza umutima. Mu vy’ukuri, impamba nziza ni igamburukiramana. Muheze rero muntinye Jewe Allah emwe bantu b’incabwenge!
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

When does Ihram for Hajj start

Allah said:

الْحَجُّ أَشْهُرٌ مَّعْلُومَـتٌ

(The Hajj is (in) the well-known months.)

This Ayah indicates that Ihram for Hajj only occurs during the months of Hajj. This was reported from Ibn `Abbas, Jabir, `Ata', Tawus and Mujahid. The proof for this is Allah's statement

…

When does Ihram for Hajj start

Allah said:

الْحَجُّ أَشْهُرٌ مَّعْلُومَـتٌ

(The Hajj is (in) the well-known months.)

This Ayah indicates that Ihram for Ha

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 2, Page 31, Juz 2

197. Igihe co gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka ni amezi azwi. Uwuzozirikana rero kuyishengerera muri ayo mezi, kizoba kizira kuri we kurangura amabanga y’abubatse, kuvuga ibishegu n’ibindi bijanye na vyo, hamwe rero no guharira gutera urwanko n’ishavu mu gihe co gutunganya ibikorwa vy’ishengerera ry’iyo ngoro. Ico mugira cose mu vyiza, Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera. Muraheza rero munatekere impamba ikwiye mu rugendo rwo kuyishengerera, hamwe rero n’impamba y’ivyeza umutima. Mu vy’ukuri, impamba nziza ni igamburukiramana. Muheze rero muntinye Jewe Allah emwe bantu b’incabwenge! 198. Nta kibi kuri mwebwe kiri mu kurondera ingabirano z’Imana yanyu Rurema Allah mu rudandazwa mu gihe co gushengerera ingoro ntagatifu. Nihagera aho mutera muva “Arafaati” mugana “Muzdalifa” izuba rimaze kurenga, muraninahaza mutazira musaba kenshi Imana Allah mugeze “Muzdalifa” ahagenewe kuninaharizwa Imana Allah. Murayininahaza kenshi rero ku vyo Yabashoboje Ikabarongora mu nzira yayo. Ni ukuri mwari mu bahuvye imbere yuko Ibarongora. 199. Muraheza rero, mubandanye muvuye “Muzdalifa” mutera muja “Mina” mwahereye “Arafaati”, ari na ho Intumwa y’Imana Ibrahimu yahereye, muheze munasabe Imana Allah ikigongwe. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. 200. Nimwaheza ibikorwa vyanyu bitegetswe mu gushengerera ingoro ntagatifu, muraninahaza mutazira Imana Allah kenshi cane, nka kurya mwigamba muhayagiza abavyeyi banyu canke murushirizeho. Burya mu bantu harimwo umugwi witwararika ivy’isi maze ugasaba uti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe kuroranirwa mu vy’isi: amagara meza, amatungo n’ibibondo”. Abo, nta mugabane bategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa; 201. Muri bo kandi harimwo umugwi witwararika ubuzima bw’inyuma yo gupfa, usaba uti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe kuroranirwa mu vyiza vyose vy’isi no mu vyiza bidushikana mu Bwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Wongere Udukingire ibihano vyo mu muriro udahera”. 202. Abo ni bo rero bategekanirijwe umugabane w’indishi nziza ku vyo barondeye. Burya Imana Allah Irananyarutsa mu guharurira no mu guhemba abaja bayo.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute