Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
048

Al-Fath 48:24 وهو الذي كف ايديهم عنكم وايديكم عنهم ببطن مكة من بعد ان اظفركم عليهم وكان الله بما تعملون بصيرا ٢٤

48:24
وَهُوَ
ٱلَّذِي
كَفَّ
أَيۡدِيَهُمۡ
عَنكُمۡ
وَأَيۡدِيَكُمۡ
عَنۡهُم
بِبَطۡنِ
مَكَّةَ
مِنۢ
بَعۡدِ
أَنۡ
أَظۡفَرَكُمۡ
عَلَيۡهِمۡۚ
وَكَانَ
ٱللَّهُ
بِمَا
تَعۡمَلُونَ
بَصِيرًا
٢٤
Imana Allah, ni Yo Yababanguranije n’ababangikanyamana bashatse kubatera igihe mwari ahitwa Al-Hudaybiyya mu kabande k’i Makka, hari mu nyuma y’aho Imana Allah Ibashoboreje kubafata hanyuma bararekurwa1. Burya Imana Allah rero, Yamye Ibona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Good News of abundant Spoils of War

Mujahid said that Allah's statement,

وَعَدَكُمُ اللَّهُ مَغَانِمَ كَثِيرَةً تَأْخُذُونَهَا

(Allah has promised you abundant spoils that you will capture,) refers to the spoils that Muslims earned up until this time, while,

فَعَجَّلَ لَكُمْ هَـذِهِ

(and He has hastened

…

Good News of abundant Spoils of War

Mujahid said that Allah's statement,

وَعَدَكُمُ اللَّهُ مَغَانِمَ كَثِيرَةً تَأْخُذُونَهَا

(Allah has promised you ab

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 48, Page 514, Juz 26

18. Muvugishwamana! Ni ukuri Imana Allah, Yarishimiye abemeramana igihe biyemeza kukwigura ku rugamba igihe bari musi y’igiti ku musi wa Al-Hudaybiyya, maze hamenyekana - ku vyo Yari Isanzwe Izi - vy’ukuri ukwemera no gushitsa isezerano biri mu mishaha yabo, Iraheza Ibamanurira ituze baratekana baratekanirwa, Ica Ibahembera urugamba rutahavuye ruba ku kubera amasezerano ya Al-Hudaybiyya, intsinzi yimirije; 19. Hejuru y’ivyo, hari n’iminyago myinshi bazoronka ku rugamba rwa Khayibari. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora; 20. Bemeramana! Yabasezeraniye iminyago myinshi muzoronka mu nyuma nihagera, maze Ibanza kubaha iyo minyago ya Khayibari, Ibakurako n’igeramirwa ry’abansi banyu bashaka kubakwegera mu ndwano, no kubaca mu ryahumye mu kugirira nabi abo mwasize i Madina; ivyo vyose bikaba vyabaye ukwo, kugira bibe inkebuzo n’icemezo ku bemeramana ko Imana Allah Ishoboye kubatabara no kubabungabunga; no kugira rero Ibarongore mu nzira igororotse. 21. Hari n’iyindi minyago rero mwasezeraniwe mutarashobora kuronka, ariko Imana Allah Irashoboye kuzoyibaronsa nihagera. Burya Imana Allah rero, Yamye ari Mushoboravyose; 22. Iyo rero abagarariji b’i Makka bihenda ngo barwane na mwe, ni ukuri bari kuneshwa bagatungwa n’ayo bameze, hanyuma nta n’umuhagarikizi abatunganiriza ivyabo, eka mbere nta n’umutabazi yari kubafasha kururwana, bari kuronka. 23. Ni uko vyamye rero ku biremwa, ko Imana Allah Itabara ingabo zayo mu kunesha abansi bayo. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo gutabara ingabo zacu mu kunesha abansi bacu. 24. Imana Allah, ni Yo Yababanguranije n’ababangikanyamana bashatse kubatera igihe mwari ahitwa Al-Hudaybiyya mu kabande k’i Makka, hari mu nyuma y’aho Imana Allah Ibashoboreje kubafata hanyuma bararekurwa. Burya Imana Allah rero, Yamye Ibona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona. 25. Abagarariji b’Abakorayishi, ni bo bahakanye bivuye inyuma isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, baranababuza ku musi wa Al-Hudaybiyya ko mwinjira mu musigiti w’i Makka, babuza n’imbagwa mwari mwibangikanije ko zishika aho zitegerezwa kubagirwa mu karere gatagatifu. Iyo i Makka hataba hariyo abagabo b’abemeramana b’intege nke hamwe n’abemeramanakazi mutazi, bahisha ukwemera kwabo, bari guhava bahitanwa n’intambara y’ingabo zanyu, maze mwebwe bikabatera urubwa, hakononekara n’ibintu vyinshi, mukanaharonkera n’ivyaha vyo kwica abemeramana ku kutamenya, Twari kubatera inkunga mugahangana na bo. Vyabaye ukwo rero, kugira Imana Allah Yinjize mu mpuhwe zayo, uwo Ishatse akazoba umwislamu mu nyuma y’aho yari umugarariji. Iyo rero abemeramana bamenya gutandukanya uwemera n’umubangikanyamana, ni ukuri, Twari guha abagararije bagahakana bivuye inyuma Intumwa y'Imana, igihano kibabaza bakicwa; 26. Igihe abagararije bagira ubwibone nk’ubwibone bamanye n’imbere yuko barungikirwa Intumwa, maze banka kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kubera nya bwibone, maze Imana Allah Iraheza Imanurira ituze Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, Iraheza Ibatsimbataza kw’ijambo ry’igamburukiramana, bari n’abantu bakwiye koko gutsimbatazwa kuri ryo, kuruta ababangikanyamana. Burya Imana Allah, Yamye Izi neza ibigirwa n’ibiremwa, ni Nyenubumenyikurivyose.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute