Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
017

Al-Isra 17:109 ويخرون للاذقان يبكون ويزيدهم خشوعا ۩ ١٠٩

17:109
وَيَخِرُّونَ
لِلۡأَذۡقَانِ
يَبۡكُونَ
وَيَزِيدُهُمۡ
خُشُوعٗا ۩
١٠٩
Bubamika uruhanga hasi rero bakorora amosozi ku kunyurwa n’inyigisho za Qor’ani, gutyo bakarushirizaho kwicisha bugufi ku Mana Allah.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Those Who were given Knowledge before truly admit the Qur'an

Allah says to His Prophet Muhammad ﷺ:

قُلْ

(Say) O Muhammad to these disbelievers concerning what you have brought to them of this Glorious Qur'an:

ءَامِنُواْ بِهِ أَوْ لاَ تُؤْمِنُواْ

("Believe in it (the Qur'an) or do not believe (in it).) me

…

Those Who were given Knowledge before truly admit the Qur'an

Allah says to His Prophet Muhammad ﷺ:

قُلْ

(Say) O Muhammad to these disbelievers concerning

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 17, Page 293, Juz 15

105. Twebwe Allah, Twamanuriye Qor’ani vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira irarikire abantu kugamburukira Imana Allah, kandi Qor’ani yamanutse mu kuri ikingiwe, nta kizokwongerwamwo canke ngo gikurwemwo n’abantu. Ntumwa y’Imana! Ntitwanagutumye rero, kiretse ngo ube Intumwa ishikiriza inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha ibigaba ku bihano vy’Imana Allah. 106. Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani itomoye, itandukanya uburongozi n’ubuhuvyi, ukuri n’ikinyoma, kugira uyisomere abantu mu bwitonzi nta ngere; Twanayihishuye bukebuke Dufatiye ku vyagiye birashikira abantu no ku kuntu babayeho. 107. Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mwemera Qor’ani mutayemera, ukuyemera kwanyu nta co kuyongerereza, eka no kuyihakana kwanyu nta co kuyitwara”. Mu vy’ukuri, abamenyi batahuye ukuri kw’ihishurwa rya Qor’ani mu bahawe Ibitabu vyo hambere yayo, iyo basomewe Qor’ani, bashoka bubamika uruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah; 108. Maze bagaca bavuga bati: “Nihaninahazwe Imana yacu Rurema Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bakayibangikanya, nta nkeka ko Isezerano ry’Imana yacu Rurema Allah ryo guhemba abemeramana n’iryo guhana abagarariji, ari iry’ukuri, ritegerezwa gushika”; 109. Bubamika uruhanga hasi rero bakorora amosozi ku kunyurwa n’inyigisho za Qor’ani, gutyo bakarushirizaho kwicisha bugufi ku Mana Allah. 110. Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimusabe muvuga muti: “Ewe Mana Allah!” canke muvuga muti: “Ewe Nyenimpuhwe!”, izina iryo ari ryo ryose mu mazina yayo mwosabisha, muzoba muriko musaba Imana Imwe Rudende, kuko Imana Allah amazina yayo yose Ifise, ni meza cane”. Ntumwa y’Imana! Mu gihe uriko urasenga, ntugasome Qor’ani mw’ijwi rinini cane ngo ababangikanyamana bakwumve, eka ntukanayisome wongorera gushika n’aho abo usengesha batakwumva, uraheza rero usome nya Qor’ani mw’ijwi rigereranye. 111. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah Itigeze Yigenera umwana, Itigeze Inagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu bumana bwayo, eka ntiyigeze Inagira umuhagarikizi mu biremwa kuko Yikwije kandi Yikenuye”; uraheza rero kandi uyikuze mu kuyisenga utayibangikanya, no mu kuyitumbera muri vyose, kuko ari Yo Nkuru Irengeye vyose”.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute