Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
028

Al-Qasas 28:50 فان لم يستجيبوا لك فاعلم انما يتبعون اهواءهم ومن اضل ممن اتبع هواه بغير هدى من الله ان الله لا يهدي القوم الظالمين ٥٠

28:50
فَإِن
لَّمۡ
يَسۡتَجِيبُواْ
لَكَ
فَٱعۡلَمۡ
أَنَّمَا
يَتَّبِعُونَ
أَهۡوَآءَهُمۡۚ
وَمَنۡ
أَضَلُّ
مِمَّنِ
ٱتَّبَعَ
هَوَىٰهُ
بِغَيۡرِ
هُدٗى
مِّنَ
ٱللَّهِۚ
إِنَّ
ٱللَّهَ
لَا
يَهۡدِي
ٱلۡقَوۡمَ
ٱلظَّٰلِمِينَ
٥٠
Nibatashobora kuzana nya gitabu, bakabura n’ikindi cireguzo berekana, uzoce umenya rero ko bakurikira ivyipfuzo vyabo gusa. Nta muntu n’umwe yahuvye yoza asumba uwutwarwa n’ivyipfuzo vyiwe, atisunga uburongozi buvuye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa yayo.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The stubborn Response of the Disbelievers

Allah tells us that if people were to be punished before proof was established against them, they would use the excuse that no Messenger came to them, but when the truth did come to them through Muhammad ﷺ, in their stubbornness, disbelief, ignorance and misg

…

The stubborn Response of the Disbelievers

Allah tells us that if people were to be punished before proof was established against them, they would use t

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 28, Page 391, Juz 20

43. Ni ukuri Musa, Twaramuhaye Igitabu ca Tawurati mu nyuma y’aho Duhonereje imigwi y’abantu bo hambere yiwe, Igitabu kirimwo inyigisho zituma Bene Israyeli bamenya gutandukanya iciza n’ikibi; harimwo n’ubugororotsi n’impuhwe kugira bibuke inema z’Imana Allah, baheze bayishimire mu kutayigarariza. 44. Ntumwa y’Imana! Ntiwari hambavu y’umusozi uri mu burengero bw’aho Musa yari ari, igihe Tumuha amabwirizwa Tukamutuma kwa Firawuni n’abantu biwe; ntiwari no mu babonye ingene vyagenze ngo ubimenye, uheze uvyiganire abantu. 45. Ariko rero mu nyuma ya Musa, Twahavuye Tugira imigwi itandukanye y’abantu, nya migwi iraheza ibaho ikiringo kirekire hagati ya Musa n’irungikwa ryawe, gutyo nya migwi yibagira isezerano ry’Imana Allah, iranadohoka ku mabwirizwa yayo. Ntumwa y’Imana! Ntiwigeze uba no mu bantu ba Madiyana, ngo uheze usomere abantu warungitsweko Aayah zacu za Qor’ani n’inkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni mu vyo wahumviye, ariko rero iyo nkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni ubiganira, iri mu vyo wahishuriwe n’Imana Allah. 46. Eka ntiwari no hambavu y’umusozi wa Twuuri Sinayi igihe Twahamagara Musa Tukavugana ukuri kwamye, ariko Twakurungitse kugira ubere ibiremwa impuhwe zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, uheze ugabishe ku bihano vyacu abantu batigeze bashikirwa n’umugabisha hambere yawe, kugira bibuke baheze bikebuke. 47. Ntumwa y’Imana! Iyo rero hataba ukwanka guhanira abagarariji ivyaha vyabo batarashikirwa n’Intumwa, bakavuga bigovyora bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ubwo ntiwari gupfuma ubanza kuturungikira Intumwa, maze tugakurikira Aayah ziri mu Gitabu cawe Wamanuye, tugaheza tukaba no mu bemeramana!”, ntitwari kukurungika. 48. Igihe rero Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) izaniye nya bagararji ukuri kuvuye iwacu Twebwe Allah, bavuze bati: “Ubwo ntiyari gupfuma ahabwa ibitangaro bifadika nk’ivyahawe Musa, akanamanurirwa Qor’ani iri hamwe nka Tawurati!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “None aho hambere yanje, abayahudi ntibagararije Musa kandi yahawe n’ibitangaro bifadika bivuye ku Mana Allah!”. Baranavuze ko Tawurati na Qor’ani bihuriye ku kuba vyose ari uburozi bukomoka hamwe, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri rero twebwe, ivyo Bitabu uko ari bibiri n’Intumwa zabihawe, tubigararije vyose”. 49. Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji uti: “Enda nyabuna rero, nimuzane igitabu kivuye ku Mana Allah, coba kirimwo uburongozi busumba uburi muri Tawurati no muri Qor’ani, mpeze nanje ndagikurikire nimwaba muri imvugakuri!”; 50. Nibatashobora kuzana nya gitabu, bakabura n’ikindi cireguzo berekana, uzoce umenya rero ko bakurikira ivyipfuzo vyabo gusa. Nta muntu n’umwe yahuvye yoza asumba uwutwarwa n’ivyipfuzo vyiwe, atisunga uburongozi buvuye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa yayo.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute