Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
016

An-Nahl 16:72 والله جعل لكم من انفسكم ازواجا وجعل لكم من ازواجكم بنين وحفدة ورزقكم من الطيبات افبالباطل يومنون وبنعمت الله هم يكفرون ٧٢

16:72
وَٱللَّهُ
جَعَلَ
لَكُم
مِّنۡ
أَنفُسِكُمۡ
أَزۡوَٰجٗا
وَجَعَلَ
لَكُم
مِّنۡ
أَزۡوَٰجِكُم
بَنِينَ
وَحَفَدَةٗ
وَرَزَقَكُم
مِّنَ
ٱلطَّيِّبَٰتِۚ
أَفَبِٱلۡبَٰطِلِ
يُؤۡمِنُونَ
وَبِنِعۡمَتِ
ٱللَّهِ
هُمۡ
يَكۡفُرُونَ
٧٢
Imana Allah Yabaremeye abakenyezi musangiye inkomoko ya kiremwa-muntu kugira muturure; Ibagenera kuvyarana na bo, abana n’abuzukuru bazobakomokako, Iranabaronsa ivyiza birekuwe mu vyamwa, ibinyantete n’inyama, n’ibindi. Aho rero karashize ingani, abantu bemere ikinyoma gishingiye kw’isengwa ry’ibigirwamana, baheze bakanagare bihakane inema z’Imana Allah, zotuma ari Yo bakwiye gusenga ari Imwe Rudende, batayibangikanya!.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Among His Blessings and Signs are Mates, Children and Grandchildren

Allah mentions the blessing He has bestowed upon His servant by giving them mates from among themselves, mates of their own kind. If He had given them mates of another kind, there would be no harmony, love and mercy between them. But

…

Among His Blessings and Signs are Mates, Children and Grandchildren

Allah mentions the blessing He has bestowed upon His servant by giving them mates f

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 16, Page 274, Juz 14

71. Imana Allah Yarateye iteka bamwe muri mwebwe kw’isi gusumba abandi, gutyo muri mwebwe haba umutunzi n'umukene, umukoresha n'umukozi. Abahawe ubutunzi gusumba abandi rero, ntiboshobora guhereza kuri nya butunzi abatabuhawe, ngo baheze banganye, canke ngo babusabikanye. Abahawe ubutunzi rero, baramutse badashimishijwe n’uko bonganya canke bagasabikanya nya butunzi n’abatabuhawe, bigenda gute none ngo bashime ko Imana Allah Ibangikanywa n’ibiremwa vyayo, mu gihe na bo batemera gusabikanya n’abatahawe ubutunzi ubwabo bagaba bakaganza! Ukwo rero, ni kwo kwihakana koko inema z’Imana Allah. 72. Imana Allah Yabaremeye abakenyezi musangiye inkomoko ya kiremwa-muntu kugira muturure; Ibagenera kuvyarana na bo, abana n’abuzukuru bazobakomokako, Iranabaronsa ivyiza birekuwe mu vyamwa, ibinyantete n’inyama, n’ibindi. Aho rero karashize ingani, abantu bemere ikinyoma gishingiye kw’isengwa ry’ibigirwamana, baheze bakanagare bihakane inema z’Imana Allah, zotuma ari Yo bakwiye gusenga ari Imwe Rudende, batayibangikanya!. 73. Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata na kimwe bishoboye, ntibishoboye kubaronsa ivyobabeshaho biturutse kw’igwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, canke bivuye mu mwimbu w’ivyarimwe kw’isi. Eka nta na kimwe bishoboye, vyongeye ntibinakwiye kuba hari n’ico vyoshobora. 74. Bantu! Mumaze gutahura ivyo vyose rero, ntimugafate ibibazano ngo mubihe ubushobozi bw'Imana Allah mu kubibangikanya na Yo mu gusenga. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora, mu gihe mwebwe mwirabira hirya mukirengagiza kumenya iherezo ryanyu ribi. 75. Imana Allah Yarabaciriye agace k’umuntu agabwa n’uwundi, akaba ata na kimwe yigabira; n’ak’uwundi muntu yigenga, akishira akizana, Twebwe Allah Tukaba Twamuronkeje ibimubeshaho vyiza birekuwe, maze akabitangako imperezwa mu mpisho no ku mugaragaro. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore! Ni ukwo rero, Imana Allah Yaremye, Yikenuye, ntishobora kunganishwa n’ibiremwa vyayo. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangakikanyamana ntibazi ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gushimagizwa no gusengwa. 76. Imana Allah Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo akaba ari nyamuragi ata co yimariye, ata n’ico yomarira abandi, kiretse ko we ari umutwaro uremereye uwumutunze, ico ari co cose amutumye gukora, ntiyigera ashobora kugitunganya neza. Uwugira kabiri muri bo, akaba ari umuntu akomeye uduhimba twose, hari ico yimariye n’ico amariye abandi, akabwiriza kugendera ubutungane, kandi ari mu nzira igororotse. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore!

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute