Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
026

Ash-Shu'ara 26:141 كذبت ثمود المرسلين ١٤١

26:141
كَذَّبَتۡ
ثَمُودُ
ٱلۡمُرۡسَلِينَ
١٤١
Bene Thamuudi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Swalehe, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose1.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Salih and the People of Thamud

Here Allah tells us about His servant and Messenger Salih, whom He sent to his people Thamud. They were Arabs living in the city of Al-Hijr -- which is between Wadi Al-Qura and Greater Syria. Their location is well known. In our explanation of Surat Al-A`raf, we mention

…

Salih and the People of Thamud

Here Allah tells us about His servant and Messenger Salih, whom He sent to his people Thamud. They were Arabs living in

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 26, Page 373, Juz 19

141. Bene Thamuudi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Swalehe, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose. 142. Igihe mwenewabo Swalehe yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende! 143. Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza; 144. Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; 145. Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose. 146. Mbega none, Imana yanyu Rurema Allah Ikwiye kubareka mukishira mukizana mu nema Yabahaye kw’isi mutekaniwe! 147. Mu mirima itotahaye hamwe n’amazi y’amariba atemba! 148. N’ibitara vy’ivyamwa n’ibiterwa hamwe n’itende zoroshe z’akanovera! 149. Mukanabaza mu misozi inzu mu buhinga butuma mwiyemera bidasanzwe! 150. Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; 151. Ntimugakurikire namba ivyo mubwirwa n’abimonogoje mu bugarariji; 152. Bagenzwa n’ubwononyi kw’isi, batigera bitwararika gukora ibitunganye”. 153. Bene Thamuudi barinamuye babwira Swalehe bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura! 154. Wewe nta co uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Enda rero nyabuna zana icemezo cerekana ko uri Intumwa, niwaba koko uri mu mvugakuri ko Imana Allah Yakuturungitseko!”. 155. Swalehe yababwiye ati: “Ng’iyo ingamiya mwarungikiwe n’Imana Allah, kugira ibabere icemezo cerekana ko ndi mu kuri, yagenewe gushoka ku musi wayo na mwe mukaba murekuriwe kuvoma ku musi uzwi ukurikira; 156. Ntimunayikomakome ku nabi ngo muyice imitsi. Nimwahirahira rero mukayikomakoma ku nabi, nta kizobuza ko mushikirwa n’ibihano vy’Imana Allah ku musi uhambaye”. 157. Ni ho rero bahakana, basimbira kuri nya ngamiya barayica imitsi, barayibaga, maze bazinduka bicuza ku vyo bakoze, bamaze kumenya neza ko bategerezwa guhanwa; 158. Baca bashikirwa rero n’ibihano vy’Imana Allah basezeraniwe na Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), birabahonya. Mu vy’ukuri mw’ihonywa rya Bene Thamuudi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wushaka kwikebuka mu bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah. 159. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute