Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
026

Ash-Shu'ara 26:186 وما انت الا بشر مثلنا وان نظنك لمن الكاذبين ١٨٦

26:186
وَمَآ
أَنتَ
إِلَّا
بَشَرٞ
مِّثۡلُنَا
وَإِن
نَّظُنُّكَ
لَمِنَ
ٱلۡكَٰذِبِينَ
١٨٦
Wewe nta n’ico uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Mbere twibwira ko wewe ata nkeka uri mu babesha ko warungitswe kuba Intumwa;
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Response of Shu`ayb's People, Their Disbelief in Him and the coming of the Punishment upon Them

Allah tells us how his people responded, and how it was like the response of Thamud to their Messenger -- for they were of like mind -- when they said:

إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ الْمُسَحَّرِينَ

(You are only o

…

The Response of Shu`ayb's People, Their Disbelief in Him and the coming of the Punishment upon Them

Allah tells us how his people responded, and how it

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 26, Page 375, Juz 19

176. Abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Shu’ayibu, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose. 177. Igihe Shu’ayibu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo! 178. Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza; 179. Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; 180. Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose. 181. Shu’ayibu yabwiye abo yarungitsweko ati: “Enda nimukwize ingero mu gihe mugereye abandi, kandi ntimukagabanye ku ngero mugeresha; 182. Mwongere mupimire abantu ku munzani utunganye, ukwiza ibiro; 183. Ntimukambure abantu ivyabo ku ngero, ku munzani, n’ibindi; eka ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose kw’isi; 184. Muheze kandi mwikingire ko mwoshikirwa n’ibihano vy’Iyabaremye mwebwe hamwe n’abakurambere banyu”. 185. Abantu ba Shu’ayibu bamwishuye bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura! 186. Wewe nta n’ico uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Mbere twibwira ko wewe ata nkeka uri mu babesha ko warungitswe kuba Intumwa; 187. Saba rero Imana yawe Allah Itumanurireko ibihano bivuye mw’ijuru biduhonye, niwaba koko uri mu mvugakuri ko ari Yo Yakuturungitseko!”. 188. Shu’ayibu araheza abishura avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza ivyo mukora vyotuma Ibahana”. 189. Bahavuye rero barendegera mu guhakana bivuye inyuma Shu’ayibu, maze Imana Allah Ibahanisha ubushuhe bumena imbwa agahanga, baraheza bahungira nya bushuhe musi y’igicu kibaha agatutu n’akayaga. Bamaze kwiyegeraniriza hamwe bose musi ya nya gicu, ni ho Imana Allah Yaca Irungika umuriro ubaturira bose, mu vy’ukuri cari igihano c’ihonywa ku musi uhambaye. 190. Mu vy’ukuri, mw’ihonywa ry’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bikebuka ngo bemere. 191. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute