Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
052

At-Tur 52:39 ام له البنات ولكم البنون ٣٩

52:39
أَمۡ
لَهُ
ٱلۡبَنَٰتُ
وَلَكُمُ
ٱلۡبَنُونَ
٣٩
Mbega none, Imana Allah Yarigeneye abana b’abakobwa, Iraheza na mwe Ibagenera abana b’abahungu nk’uko muvyibwira mwihenda!
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Affirming Tawhid and annulling the Plots of the Idolators. This is the position where Tawhid of Allah's Lordship andDivinity are affirmed

Allah the Exalted said,

أَمْ خُلِقُواْ مِنْ غَيْرِ شَىْءٍ أَمْ هُمُ الْخَـلِقُونَ

(Or were they created by nothing Or were they themselves the creators) Allah asks t

…

Affirming Tawhid and annulling the Plots of the Idolators. This is the position where Tawhid of Allah's Lordship andDivinity are affirmed

Allah the Exa

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 52, Page 525, Juz 27

29. Ntumwa y’Imana! Ibutsa rero abo warungitsweko ukoresheje Qor’ani, kuko guhabwa kwawe ubutumwa n’ubumenyi mw’idini, si vyo vyotuma witwa Senyagara avuga ivyo adafitiye ubumenyi, canke umusazi yakehewe n’ubwenge. 30. Canke ababangikanyamana boba bavuga bati: “Uwo Muhamadi mwumva, ni umwivuzi w’amazina, tumuteze imisi, mureke urupfu ruramubona!” 31. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Nimurindire urupfu rwanje, nanje mu vy’ukuri ndacarindiriye hamwe na mwe ibihano muzohabwa”. 32. Ahubwo rero, burya ubwenge bw’ababangikanyamana, bwoba bubategeka kuvuga ijambo ry’igarariza nk’iryo, mu gihe bitarigera bishika ko umuntu yoba senyagara, akaba umwivuzi w’amazina, akaba n’umusazi mu mwanya umwe! Ahubwo rero bo, ni abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. 33. Ahubwo none, ababangikanyamana boba bavuga ko Muhamadi yarementanije Qor’ani! Ahubwo rero bo, ntibemera namba. 34. Nivyaba biri nk’ukwo babivuga, nibazane rero amajambo arementanije nka Qor’ani, nibaba ari imvugakuri ko Muhamadi yarementanije Qor’ani. 35. Mbega ababangikanyamana, boba baremwe n’ubusa ata cabaremye! Canke boba bariremye! Usangwa bataremwe n’ubusa canke ngo bireme, nibamenye rero ko Imana Allah ari Yo Yabaremye, n’uko ari Yo rero, Ikwiye gusengwa Itabangikanywa. 36. Canke boba bararemye amajuru n’isi muri ubu buryo buhimbaye! Ahubwo rero, ntibemera namba ko bazohanwa. 37. Canke boba bajejwe ibigega vy’Imana yawe Rurema Allah! Canke boba baganza ibiremwa vy’Imana Allah! Ahubwo rero bo, nta n’ico bishoboje. 38. Canke boba bafise ingazi burirako ngo bumvirize ihishurwa ry’Imana Allah ko bari mu kuri! Nivyaba biri nk’ukwo babivuga rero, uwavyumvise muri bo, enda rero nyabuna nazane icemeza kigaragara cemeza ko bari mu kuri. 39. Mbega none, Imana Allah Yarigeneye abana b’abakobwa, Iraheza na mwe Ibagenera abana b’abahungu nk’uko muvyibwira mwihenda! 40. Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero, woba usaba ababangikanyamana impembo kw’irarikiramana ryawe, bigatuma batakwumvira ku kuremerwa n’iyo mpembo ubasaba! 41. Canke boba bafise ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa, baheza bakabwandika babushikiriza abantu! Baranguha, ubwo bumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa ni ubw’Imana Allah gusa. 42. Ahubwo bashaka gukoresha urwenge ngo bagirire nabi Intumwa n’abemeramana. Nibamenye rero, ko Imana Allah Izohinyura urwenge rw’abagararije, maze inabi babipfuriza igaruke kuri bo nyene, na kare ngo urucira mukaso rugatwara nyoko. 43. Canke boba bafise iyindi mana ikwiye gusengwa atari Imana Allah! Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya. 44. Ababangikanyamana no mu gihe bobona igihande c’ijuru kibaguyeko, ntiboretse guhakana, bovuze bati: “Ivyo, ni ibicu gusa vyiyegeranije”. 45. Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana, bareke barendegere gushika igihe bahuye n’umusi wabo w’izuka bazohanirwako; 46. Umusi urwenge rwabo ata na kimwe ruzobamarira mu gihe bazoba bari mu bihano vy’Imana Allah; eka mbere bobo, ntibazoronka n’uwubatabara ngo abibakuremwo. 47. Mu vy’ukuri, abirenganije mu guhakana, barategekanirijwe n’ibihano mu buzima bwo kw’isi, ariko rero abenshi muri bo nta vyo bazi. 48. Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ishikirizabutumwa ku bw’Imana Allah, maze wihanganire n’ibangamira ry’abaguhakana; mu vy’ukuri wewe, Tugushinze ijisho nta kigukorako urakingiwe, uheze uninahaze n’Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza mu gihe ugiye gusenga no mu gihe uvyutse; 49. Uheze rero no mw’ijoro uyininahaze mu kuyishimagiza mw’isengesho, wongere ugire nk’ukwo nyene mu mutwenzi igihe c’irenga ry’inyenyeri.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute