Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
040

Ghafir 40:33 يوم تولون مدبرين ما لكم من الله من عاصم ومن يضلل الله فما له من هاد ٣٣

40:33
يَوۡمَ
تُوَلُّونَ
مُدۡبِرِينَ
مَا
لَكُم
مِّنَ
ٱللَّهِ
مِنۡ
عَاصِمٖۗ
وَمَن
يُضۡلِلِ
ٱللَّهُ
فَمَا
لَهُۥ
مِنۡ
هَادٖ
٣٣
Umusi mwagenjeje umugongo muhunga, ntimuzoronka ababakingira ibihano vy’Imana Allah. Uwuzoteterezwa n’Imana Allah mu kutamushoboza kurongoka mu nzira yayo, ntazoronka n’umwe amurongora mu nzira yayo”.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

يقَوْمِ إِنِّى أَخَافُ عَلَيْكُمْ مِّثْلَ يَوْمِ الاٌّحْزَابِ

(O my people! Verily, I fear for you an end like that day (of disaster) of the groups (of old)!) meaning, those of the earlier nations who disbelieved the Messengers of Allah, such as the people of Nuh, `Ad, Thamud and the disbelieving nat

…

يقَوْمِ إِنِّى أَخَافُ عَلَيْكُمْ مِّثْلَ يَوْمِ الاٌّحْزَابِ

(O my people! Verily, I fear for you an end like that day (of disaster) of the groups (of

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 40, Page 470, Juz 24

28. Ni ho rero umwemeramana umwe mu bantu ba Firawuni, yahisha ukwemera kwiwe, yavuga ati: “Ubwo nyene murakanagaye mwice umuntu w’inzirakarengane, mumuhora gusa kuba avuze ati: “Imana yanje Rurema ni Allah”, kandi yanabazaniye ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, vyerekana ukuri kwiwe! Musa rero niyaba abesha biramusha, kuko bizomugarukako. Niyaba naho ari imvugakuri, nta kibuza ko muzoshikirwa na bimwe mu vyo abagabishako. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo, uwimonogoje mu bugarariji, akagenzwa n’ubwononyi kw’isi, akaba n’umubeshi ruhebwa; 29. Bantu banje! Ndemera cane ko uno musi mufise inganji y’ubwami bwo gucinyiza Bene Israyeri n’abandi banyagihugu bo muri Misiri; none aho bukera, ni nde azodukingira ibihano vy’Imana Allah, igihe vyadushikiye!”. Firawuni yabwiye abari ng’aho yishura ati: “Bantu muri ng’aha! Nta co nobahanura gukora, kiretse ico nanje nyene mbona ko kibereye; kandi sindabarongora, kiretse mu nzira nziza ibereye y’ubugororotsi”; 30. Maze wa mwemeramana mu bantu ba Firawuni, yishura ahanura yongera agabisha ati: “Jewe mu vy’ukuri, mfise ubwoba n’impungenge, ko mu gihe mwohirahira mukica Musa, mwoshikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye imigwi y’abiyunze mu kurwanya Intumwa; 31. Nk’uko vyagendeye abantu ba Nuhu, Bene Aadi, Bene Thamuudi, hamwe rero n’ababakurikiye mu nyuma mu bugarariji, abo bose rero, Imana Allah Yarabahoneje. Burya Imana Allah, ntishaka namba kurenganya abaja bayo ngo Ibahanire icaha batakoze; 32. Bantu banje! Jewe mu vy’ukuri, ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vyo ku musi w’izuka, igihe abantu bazohamagarana hagati yabo bivuye ku ntureka z’uwo musi; 33. Umusi mwagenjeje umugongo muhunga, ntimuzoronka ababakingira ibihano vy’Imana Allah. Uwuzoteterezwa n’Imana Allah mu kutamushoboza kurongoka mu nzira yayo, ntazoronka n’umwe amurongora mu nzira yayo”. 34. Ni ukuri, mwararungikiwe Umuvugishwamana Yusufu mwene Yakubu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah) imbere y’irungikwa rya Musa, yaje yibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwiwe, araheza abararikira ukwemera n’ugusenga Imana Imwe Rudende Allah, ntimwaretse kuguma mu makenga ku vyo yabazaniye akiriho, muraheza murushirizaho kuyagira inyuma y'aho apfiriye; amaze gupfa, muca muvuga muti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, ntizobarungikira iyindi Ntumwa mu nyuma ya Yusufu”. Ni nk’iryo hubishwa rero, Imana Allah Ihubisha uwo wese yimonogoje mu bugarariji no mu kurenga ku mabwirizwa yayo, akamana amakenga mu kwemera ko Imana Allah ari Imwe Rudende. 35. Abaharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ata n’icemezo bahawe gishingiye ku bumenyi; abo rero, iharira ryabo rirashavuza cane Imana Allah, rigashavuza n’abemeramana. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Idashoboza kurongoka abaharira ku bijanye na Aayah zayo ata n’ubumenyi bafise - Itera ikimangu ku mutima w’uwo wese agira amanyama mu kutemera Imana Imwe Rudende Allah, akimonogoza no mu kurenganya abandi. 36. Firawuni yavuze yiyamiriza Musa ati: “Ewe Haamaana! Enda nyabuna rero, nyubakira inyubakwa ndende (umunara), hari n’aho noronka inzira zinshikana ku co nshaka; 37. Inzira zinshikana mu majuru, kugira nirabire ko Imana ya Musa Ibaho. Mu vy’ukuri, ndibwira neza ko Musa abesha, ata mana yindi iri hejuru”. Ni nk’ukwo rero Firawuni yaryoherejwe ibikorwa vyiwe bibi akabibona ko ari vyiza, gutyo bimubuza gukurikira inzira y’ukuri; burya urwenge rwa Firawuni mu kurwanya ukuri, nta kindi rwari kumushikanako, kiretse agahombo no guhona.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute