Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
040

Ghafir 40:73 ثم قيل لهم اين ما كنتم تشركون ٧٣

40:73
ثُمَّ
قِيلَ
لَهُمۡ
أَيۡنَ
مَا
كُنتُمۡ
تُشۡرِكُونَ
٧٣
Hanyuma bakabwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega imana zanyu mwahora musenga ziri hehe!
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The End of Those Who dispute and deny the Signs of Allah

Allah says, `do you not wonder, O Muhammad, at those who deny the signs of Allah and dispute the truth by means of falsehood, how their minds are diverted from the truth and are misguided'

الَّذِينَ كَذَّبُواْ بِالْكِـتَـابِ وَبِمَآ أَرْسَلْنَ
…

The End of Those Who dispute and deny the Signs of Allah

Allah says, `do you not wonder, O Muhammad, at those who deny the signs of Allah and dispute

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 40, Page 475, Juz 24

69. Ntumwa y’Imana! Ubwo ntutangazwa n’abahakanyi baharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ukuntu bahusha ukuri bakayibangikanya! 70. Abahakana bivuye inyuma Qor’ani hamwe n’ibindi Bitabu Twarungikanye Intumwa zacu kugira birongore abantu mu nzira yacu, bitebe bitebuke, bazomenya inkurikizi y’ubuhakanyi bwabo; 71. Igihe baboheshejwe iminyororo mw’izosi, maze bakaboheshwa n’amapingu ku maguru, bagaheza bakabururwa n’abamalayika “Al-Zabaaniya” bacungereye umuriro; 72. Mu mazi asebuye akaryimara, hanyuma bakabata mu muriro wama wakijwe wa Jahannamu; 73. Hanyuma bakabwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega imana zanyu mwahora musenga ziri hehe! 74. Zazimanganiye hehe ko mwazibangikanya n’Imana Allah! Ubwo ntimwozisaba zikabakura mu kaga murimwo!”. Bazoheza bishure bati: “Zazimanganye nta n’ico zatumariye, ahubwo mbere tukiri kw’isi, twasenga ibintazi ata co bimaze”. Ni nk’uko rero Imana Allah - Yazimanganije ibigirwamana mu muriro udahera - Ihubisha abagarariji ku bugaba bwabo; 75. Bagarariji! Ivyo bihano mwahawe rero, vyaturutse ku kugotwa kwanyu kw’isi mu kuryoherwa n’ibikorwa bibi mwakora, no ku kurangwa n’amanyama hamwe n’akarenganyo. 76. Bazobwirwa bati: “Ku kubera ubugarariji bwanyu rero, nimwinjire mu muriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”. 77. Ntumwa y’Imana! Niwirengagize rero ibangamira ry’ababangikanyamana, maze wihangane, uheze ushishikare irarikiramana, mu vy’ukuri isezerano ry’intsinzi wahawe n’Imana Allah, ni iry’ukuri, kandi Izorishitsa. Mu gihe rero Twokwereka mu buzima bwawe bimwe mu bihano Twasezeraniye ababangikanyamana, canke Tukakwica imbere yuko bashikirwa na nya bihano, ni kuri Twebwe Allah bazosubizwa ku musi w’izuka kugira Tubahanire ivyo bakoze. 78. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twararungitse hambere yawe Intumwa nyinshi, zaje zirarikira abo zarungitsweko ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, ziraheza zirihanganira ibangamira ry’abantu bazo. Muri zo rero, harimwo izo Twakwiganiye ido n’ido amateka yazo; harimwo n’izo Tutakwiganiye amateka yazo, zose rero zikaba zabwirijwe gushikiriza abantu bazo, ivyo zahishuriwe. Nta ho vyakabaye rero, ko Intumwa ishikiriza Aayah canke igitangaro na kimwe, kiretse ko yabishikiriza ku burenganzira no ku bushake vy’Imana Allah. Nihagera rero, ko ingingo y’Imana Allah yo guhana abahakanyi ija mu ngiro, hazocibwa urutunganye vy’ukuri hagati y’Intumwa n’abo zarungitsweko, maze abanyakinyoma bahombe ku kurementaniriza Imana Allah.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute