Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
011

Hud 11:101 وما ظلمناهم ولاكن ظلموا انفسهم فما اغنت عنهم الهتهم التي يدعون من دون الله من شيء لما جاء امر ربك وما زادوهم غير تتبيب ١٠١

11:101
وَمَا
ظَلَمۡنَٰهُمۡ
وَلَٰكِن
ظَلَمُوٓاْ
أَنفُسَهُمۡۖ
فَمَآ
أَغۡنَتۡ
عَنۡهُمۡ
ءَالِهَتُهُمُ
ٱلَّتِي
يَدۡعُونَ
مِن
دُونِ
ٱللَّهِ
مِن
شَيۡءٖ
لَّمَّا
جَآءَ
أَمۡرُ
رَبِّكَۖ
وَمَا
زَادُوهُمۡ
غَيۡرَ
تَتۡبِيبٖ
١٠١
Ntitwigeze Tubarenganya namba kuri iryo honya, ariko ni bo birenganije kw’ibangikanyamana ryabo no kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, imana zabo rero basenga mu gishingo c’Imana Allah, nta co zabamariye ngo zibatabare igihe isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kubahonya ryagera, eka nta n’ico zabongerereje kiretse agahombo no guhanwa.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Lesson taken from the Destroyed Towns

When Allah mentioned the story of the Prophets and what happened with them and their nations -- how He destroyed the disbelievers and saved the believers -- He goes on to say,

ذَلِكَ مِنْ أَنْبَآءِ الْقُرَى

(That is some of the news of the (population of ) tow

…

The Lesson taken from the Destroyed Towns

When Allah mentioned the story of the Prophets and what happened with them and their nations -- how He destro

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 11, Page 233, Juz 12

96. Ni ukuri, Twaranarungikanye Musa ivyemezo vya Aayah zacu hamwe n’ikindi cemezo kigaragaza ko Imana Allah ari Imwe Rudende; 97. Twamurungitse kwa Firawuni n'abunganizi biwe, maze Firawuni aragarariza ategeka n’abantu biwe ko bagarariza, maze baramwumvira bagarariza Musa. Kira noneho! Itegeko rya Firawuni ntiryari ribereye namba, eka nta n’uburongozi namba bwarimwo. 98. Firawuni rero azoja imbere ashoreranye n’abantu biwe ku musi w’izuka gushika abinjize mu muriro. Ni bubi cane ubwinjiriro buzobashikana mu muriro; 99. Bakurikijwe imivumo y’Imana Allah kuri iyi si inyuma yo gusomeshwa nturi, ku musi w’izuka na ho nyene bazovumwa binjizwe no mu muriro udahera. Urwo rutavanako rw’imivumo n’ibihano rero, ni rubi cane. 100. Ntumwa y’Imana! Izo rero ni inkuru zo muri kahise Tuguciriyeko agace, zerekeye uducimbiri Twahanye Tugahonya. Muri nya ducimbiri rero, harimwo utugifise ibisigarira biranga kahise katwo, hari n’utwahonejwe ata n’igisigarira kihabazwa. 101. Ntitwigeze Tubarenganya namba kuri iryo honya, ariko ni bo birenganije kw’ibangikanyamana ryabo no kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, imana zabo rero basenga mu gishingo c’Imana Allah, nta co zabamariye ngo zibatabare igihe isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kubahonya ryagera, eka nta n’ico zabongerereje kiretse agahombo no guhanwa. 102. Ni nk’uko nyene rero Imana yawe Rurema Allah - Yahanye uducimbiri tw’abagararije - Ihana abandi baba mu tundi ducimbiri iyo bimonogoje mw’igarariza ry’Imana Allah n’Intumwa zayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irahana Igahasha. 103. Mu vy’ukuri, mw’ihanwa ry’utwo ducimbiri, ni ukuri harimwo inkebuzo kuri uwo wese atinya ibihano vy’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, umusi hegeranijwe abantu kugira baharurirwe, maze bahemberwe ivyo bakoze, ni n'umusi ibiremwa vyose bizokwibonera. 104. Burya ntitubarindirije umusi w’izuka atari ukugira ngo umwe wese aheze ikiringo yategekanirijwe kuba kw’isi, nticunguruzwa kandi ntigisubizwa inyuma. 105. Igihe rero umusi w’izuka wageze, nta kiremwa na kimwe kizogira ico kivuze kiretse ku burenganzira gihawe n’Imana Allah; burya mu biremwa, harimwo abagotse bategerezwa guhanwa, hakabamwo n’intore zitegerezwa gushimirwa; 106. Abagotse rero kw’isi, umuriro ni bwo buhaniro bwabo, bazohezagurika cane bari muri wo bitewe n'ibihano bikaze; 107. Bazowubamwo ibihe bidahera mu gihe cose hazoba hakiri ijuru n’isi, kiretse igihe Imana yawe Rurema Allah Yashatse gutezurira ibigaba mu bemeramana, Igaheza Ikabakura muri wo. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah Ikora ivyo Ishaka. 108. Nayo intore mu biremwa, zizokwinjira mu Bwami bw’ijuru, zizobubamwo ibihe bidahera mu gihe cose hazoba hakiri ijuru n’isi, kiretse abo Imana yawe Rurema Allah Izoshaka gucereza mu bigaba vy’abemeramana, bakabanza guca mu muriro. Imana Allah Izoheza rero Ibahe mu Bwami bw’ijuru impano y’ivyiza vyamaho. 109. Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko amasengesho y’ababangikanyamana mu bantu warungitsweko, ari impfagusa; ntibasenga mu bigirwamana kiretse nk’ivyo ba se basenga aho hambere yabo, na Twe Allah mu vy’ukuri, Tuzobaha ibihano Twabasezeraniye ata kigabanijweko na kimwe.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute