Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
011

Hud 11:19 الذين يصدون عن سبيل الله ويبغونها عوجا وهم بالاخرة هم كافرون ١٩

11:19
ٱلَّذِينَ
يَصُدُّونَ
عَن
سَبِيلِ
ٱللَّهِ
وَيَبۡغُونَهَا
عِوَجٗا
وَهُم
بِٱلۡأٓخِرَةِ
هُمۡ
كَٰفِرُونَ
١٩
Ababuragiza abantu gukurikira inzira y’Imana Allah, bagashaka ko nya nzira igorama ku vyipfuzo vyabo, kandi bagahakana bivuye inyuma ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Those Who invent Lies against Allah and hinder Others from His Path are the Greatest Losers

Allah, the Exalted, explains the condition of those who lie against Him and that their scandal in the Hereafter will be presented before the heads of creation (for testimony) from the angels, Messengers, Proph

…

Those Who invent Lies against Allah and hinder Others from His Path are the Greatest Losers

Allah, the Exalted, explains the condition of those who lie

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 11, Page 223, Juz 12

15. Muri mwebwe rero, abakora ku kurondera ubuzima bw’isi n’ibihendamaso vyayo, Tuzobahembera ibikorwa vyabo mu buzima bwo kw’isi nyene ata kigabanijweko; 16. Abo ni bo rero ata co bategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kiretse umuriro wa Jahannamu; ivyo bakoze kw’isi bizobabera impfagusa, ntibizokwemerwa namba kuko bitakozwe ku bw’Imana Allah. 17. Mbega burya, uwemera Imana Allah, yofatwa co kimwe gute n’uwitwararika gusa ubuzima bw’isi n’ibihendamaso vyayo, mu gihe umwemeramana akora yisunze icemezo c’ukuri kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, akanararikira abandi kwemera yisunze icemezo cahishuwe muri Qor’ani, maze nya cemezo kigaherekezwa n’ikindi cemezo cerekana ko Qor’ani, iva ku Mana Allah, hakaba rero n’ikindi cemezo ca Tawurati yamanuriwe Musa imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, kugira ibere abayemeye uburongozi n’impuhwe! Abo bemera muri ubwo buryo rero, ni bo bemera koko Qor’ani bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. Uwugararije Qor’ani mu migwi yiyunze mu kurwaniriza hamwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amenye ko isango ry’ibihano vyiwe ari mu muriro, ata gisivya. Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko Qor’ani iva ku Mana Allah, uheze umenye ko idini ry’ubwislamu ari kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibemera ngo bubahirize ivyo bategetswe. 18. Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah. Abarementaniriza Imana Allah rero, bazoshengezwa ku Mana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, kugira Ibahembere ivyo bakoze; abamalayika, Intumwa, n’ibindi biremwa bazoba ivyabona, maze bavuge bati: “Aba, barementanirije Imana yabo Rurema Allah bakiri kw’isi, Imana Allah Yaramaze kubashavurira. Emwee! Abirenganije barakavumwa n’Imana Allah”; 19. Ababuragiza abantu gukurikira inzira y’Imana Allah, bagashaka ko nya nzira igorama ku vyipfuzo vyabo, kandi bagahakana bivuye inyuma ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa; 20. Abo ni bo rero, batazonanira Imana Allah ngo bayihunge kw’isi, eka nta n’umwe havuyemwo Imana Allah, bazoronka abakingira, canke ngo abakure mu bihano vyayo. Bazogwirizwa ibihano mu muriro wa Jahannamu kuko batashoboye kwumviriza Qor’ani ngo ibungure, kira noneho kandi ntibigeze babona n’ivyemezo vy’Imana Allah ngo bavyemere. 21. Abo ni bo rero, bihombeje ku kurementaniriza Imana Allah. Emwee! N’ibigirwamana babesha ko bizobavugira ku Mana Allah, bizozimangana; 22. Ni ukuri, mu buzima bw’inyuma yo gupfa ni bo bazohomba nya guhomba. 23. Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, maze bakubahiriza n’amabwirizwa y’Imana yabo Rurema Allah, abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera. 24. Akarorero k’imigwi ibiri; umugwi w’abagarariji n’uw’abemeramana; ni nk’ak’impumyi hamwe na nyamuragi, n’ak’uwukanura hamwe n’uwumva. Mbega none iyo migwi ibiri, yoba inganya ubutore! Ubwo ntimwokwibuka ngo munyurwe!

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute