Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
019

Maryam 19:13 وحنانا من لدنا وزكاة وكان تقيا ١٣

19:13
وَحَنَانٗا
مِّن
لَّدُنَّا
وَزَكَوٰةٗۖ
وَكَانَ
تَقِيّٗا
١٣
Tumuha kugira impuhwe, igikundiro n’umutima wejejwe, kandi yari umugororotsi agamburukira Imana Allah;
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Birth of the Boy and His Characteristics

This also implies what is not mentioned, that this promised boy was born and he was Yahya. There is also the implication that Allah taught him the Book, the Tawrah which they used to study among themselves. The Prophets who were sent to the Jews used to ru

…

The Birth of the Boy and His Characteristics

This also implies what is not mentioned, that this promised boy was born and he was Yahya. There is also t

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 19, Page 306, Juz 16

1. Kaaf Haa Yaa ’Aiin Swaad. 2. Tugira Tugucire ku mayange ku bijanye n’impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah ku Muja wayo Zakariya; 3. Igihe yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, akayisaba mw’ibanga nta ngere aho yari yiherereye kugira Imwumvire; 4. Agaheza akavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri ngeze mu zabukuru, amagufa y’umubiri yaramaze guturagara, n’umutwe wose ntiworaba n’imvi zigendera, kandi sinigeze ndeka kwemererwa igisabo ndagusavye Mana yanje Rurema Allah; 5. Mu vy’ukuri, ndafise impungenge ko abo nzoraga inyuma y’urupfu rwanje, batazoshobora guhagararira bikwiye idini ryawe mu kurarikira abantu kuryemera, bitayeko n’umukenyezi wanje na we akaba ari ingumba, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa akambera n’umufasha; 6. Akazotorana ubutumwa bwanje n’ubutumwa bwa Bene Yakubu; kandi ndagusavye Mana yanje Rurema Allah, Uzomugire umwana Ushimishwa n’ivyo akora, agashimwa n’abantu”. 7. Ni ho rero Imana Allah Yahamagara Iti: “Ewe Zakariya! Twebwe Allah, ni ukuri Twakwumviye igisabisho cawe, Turaguhaye inkuru nziza y’ihumure ko uzokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Yahya, iryo zina ntitwigeze Turyita umuntu n’umwe aho hambere ngo abe mazina yiwe”. 8. Zakariya araheza aritangaza ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nibaruka umwana w’umuhungu, kandi n’umukenyezi wanje ari ingumba, bitayeko nkaba nanje naramaze gusaza!”. 9. Umumalayika yishuye Zakariya ati: “N’aho biri nk’ukwo ubivuze, Imana yawe Rurema Allah Yavuze Iti: “Irema rya Yahya riroroshe cane kuri Jewe. Ni ukuri, Naranakuremye wewe imbere y’irema rya Yahya kandi utari bwabeho””. 10. Zakariya yashotse avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngirira rero ikimenyetso nzomenyerako ko umukenyezi wanje yamaze gusama!”. Imana Allah Yamubwiye Iti: “Ikimenyetso Ndakugiriye, ni uko utazoshobora kuvugana n’abantu mu kiringo c’amajoro atatu n’imirango yayo, bidaturutse ku ndwara”. 11. Ni ho rero Zakariya yava aho yari yiherereye, araheza aja aho abantu bamubona aca abereka n’ukuboko ati: “Nimuninahaze mwongere mutazire Imana Allah igitondo n’umugoroba, mu ntumbero yo kuyishimira”. 12. Yahya amaze kuvuka akagera mu bigero, Imana Allah yamutegetse Iti: “Ewe Yahya! Fata nkama Igitabu ca Tawurati, ugitahure wongere ukigendere”. Twebwe Allah, Twaranamuhaye kuva akiri umwana muto, uburyo bwiza bwo gutahura ingingo no kuzishira mu ngiro; 13. Tumuha kugira impuhwe, igikundiro n’umutima wejejwe, kandi yari umugororotsi agamburukira Imana Allah; 14. Yarubaha akubahiriza abavyeyi biwe, ntiyari n’umuntu w’akanyaro, w’intumva. 15. Yahya rero arakagira amahoro y’Imana Allah ku musi avuka, no ku musi yapfuye, no ku musi yazutse agasubizwa ubuzima!

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute