Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
019

Maryam 19:81 واتخذوا من دون الله الهة ليكونوا لهم عزا ٨١

19:81
وَٱتَّخَذُواْ
مِن
دُونِ
ٱللَّهِ
ءَالِهَةٗ
لِّيَكُونُواْ
لَهُمۡ
عِزّٗا
٨١
Ababangikanyamana bagize mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, kugira ngo bibakingire bibatere n’iteka.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Idols of the Polytheists will deny Their Worship

Allah, the Exalted, informs about the disbelievers who associate partners with their Lord, that they have taken gods besides Allah, so that these gods may be a source of honor and might for them. They think that these gods give them power and make

…

The Idols of the Polytheists will deny Their Worship

Allah, the Exalted, informs about the disbelievers who associate partners with their Lord, that th

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 19, Page 311, Juz 16

66. Umuntu agarariza agahakana izuka ry’ibiremwa, arinamura akavuga ati: “Burya ninamara gupfa, ni ivy'ukuri ko nzozurwa ngasubira kuba muzima!”. 67. Mbega umuntu w'umugarariji yibagiye ico ari co! Burya ntiyibuka ko Twebwe Allah Twamuremye ubwa mbere kandi atari bwabeho! 68. Ntumwa y’Imana! Ndarahiye Jewe Allah kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko abahakana izuka ry’ibiremwa, Twebwe Allah Dutegerezwa kuzobegeraniriza hamwe n’amashetani ku musi w’izuka; hanyuma ni ukuri, Tuzobakumakumira hambavu y’umuriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka! 69. Hanyuma, ni ukuri Tuzofata mu mugwi wose, uwari intumva karuhariwe kuri Nyenimpuhwe Allah, abe ari we Duherako guhana. 70. Hanyuma ni ukuri, ni Twebwe Allah Tuzi neza abakwiye kwinjira no guhanwa muri nya muriro wa Jahannamu. 71. Bantu! Nta n’umwe muri mwebwe kiretse ko azoca ku kiraro gitambitse hejuru y’umuriro wa Jahannamu, maze arengane canke akorokereyo hisunzwe ibikorwa vyiwe; ivyo bitegerezwa gushika kuko ari ko vyagezwe n’Imana Allah; 72. Hanyuma Twebwe Allah, Dushoke Turokora abatinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, baheze barengane amahoro kuri nya kiraro; maze Tureke abirenganije mu kugarariza, batibukire muri nya muriro wa Jahannamu bapfukamye, badashoboye no guhaguruka. 73. Abantu iyo basomewe Aayah zacu zitomoye, abagarariji baca babwira abemeramana bati: “Ni uwuhe mugwi hagati yacu na mwe ufise ubushikiro n’ubuteramo vyiza gusumba uwundi!”. 74. Ntumwa y’Imana! Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje aho hambere y’abagarariji mu bantu warungitsweko, bari bifise bikwiye, bakeye cane no mu maso kubasumba. 75. Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji uti: “Abari mu buhuvyi, Nyenimpuhwe Allah Aratenyenya kubahana, maze bakabugumamwo gushika biboneyeko kw’isi ibihano bagabishijweko; canke bashikiwe n’umuhero w’isi; ico gihe rero, bazomenya neza na neza uwufise ubushikiro bubi cane, akagira n’ingabo ata co zishoboye”. 76. Imana Allah, Irongerereza n’uburongozi abatumbereye inzira y’idini ryayo rigororotse. Kukaba nkako, burya ibikorwa vyiza vyamaho, ni vyo bifise indishi nziza cane gusumba ku Mana yawe Rurema Allah, ni na vyo umuntu wese yizigira, azeyemwo iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa. 77. Ntumwa y’Imana! Mbega waramenye inkuru y’umugarariji Al’Aaswi mwene Waa-ili, yagararije agahakana yivuye inyuma Aayah zacu Twebwe Allah, maze akinamura akavuga ati: “Ni ukuri, nzohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa”. 78. Yoba yararungurutse mu binyegejwe ibiremwa, akabona ko azohabwa amatungo n’abana mu buzima bw’inyuma yo gupfa, canke yoba afise isezerano kuri Nyenimpuhwe Allah ko Azobimuha! 79. Eka nateshwe ate, si nk'uko avyibwira. Twebwe Allah, Tuzokwandika ivyo avuga mu kurementaniriza Imana Allah, Duheze Tumwongerereze ibihano vy’ubwoko bwose mu buzima bw’inyuma yo gupfa; 80. Maze Dusubire ku matungo n’abana yiratira, aheze aze iwacu Twebwe Allah ku musi w’izuka ari wenyene, ari imbokoboko. 81. Ababangikanyamana bagize mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana basenga, kugira ngo bibakingire bibatere n’iteka. 82. Eka nibateshwe bate, si nk'uko bavyibwira, ibigirwamana basenga bizobihakana vyiyamirize n’isengwa ryavyo, maze bibihinduke bibagirize.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute