Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
047

Muhammad 47:28 ذالك بانهم اتبعوا ما اسخط الله وكرهوا رضوانه فاحبط اعمالهم ٢٨

47:28
ذَٰلِكَ
بِأَنَّهُمُ
ٱتَّبَعُواْ
مَآ
أَسۡخَطَ
ٱللَّهَ
وَكَرِهُواْ
رِضۡوَٰنَهُۥ
فَأَحۡبَطَ
أَعۡمَٰلَهُمۡ
٢٨
Ico, ni co gihano bakwiye gitewe n’uko bumviye shetani, bagakurikira ibishavuza Imana Allah, bakanka no gukora ivyotuma Ibishimira, hatibagiwe kwanka guhangana n’abagarariji ku rugamba. Ivyo vyose rero, vyatumye Imana Allah Ireka kwakira ibikorwa vyabo vyiza, maze bicika impfagusa.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Command to reflect upon the Qur'an

Commanding the people to reflect and ponder upon the Qur'an, and prohibiting them from turning away from it, Allah says,

أَفَلاَ يَتَدَبَّرُونَ الْقُرْءَانَ أَمْ عَلَى قُلُوبٍ أَقْفَالُهَآ

(Will they not then reflect upon the Qur'an, or are there locks upon the

…

The Command to reflect upon the Qur'an

Commanding the people to reflect and ponder upon the Qur'an, and prohibiting them from turning away from it, Al

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 47, Page 509, Juz 26

20. Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bavuga n’igishika n’akantu bati: “Ubwo none, ntihomanurwa igisomwa kidutegeka guharanira idini mu guhangana n’umwansi ku rugamba!”. Hamanurwa igisomwa gitomoye mu nsiguro n’ingingo vyaco, hakavugwamwo uguhangana ku rugamba, ukabona abafise imitima yazingamitswe n'indwara y’uburyarya mw’idini, amaso yabakanutse ku gutinya urupfu, bakuraba barerembuza amaso nk’uwuri ku mpfiro. Vyari vyiza kuri bo rero; 21. Ko bumvira Imana Allah bakanavuga ijambo ryiza ry’ukuri. Iyo rero ubutigu bugeze, Imana Allah Igategeka guhangana ku rugamba, indyarya ntizishimishwa na gato n’iyo ngingo. Iyo zirangwa n’ukuri mu kwemera no mu bikorwa, vyari kuba vyiza kuri zo gusumba ukugabitanya. 22. Mu gihe rero mwogenza umugongo mukirengagiza Qor’ani n’inyigisho z’intumwa, mwoca mugenzwa n’ubwononyi bwo kugarariza no gusesa amaraso kw’isi, hamwe rero no guca ubuvandimwe bw’abo musangiye amaraso; 23. Abo, ni bo rero Imana Allah Yavumye, maze Ibaziba amatwi Ibahuma n’amaso, ntibaba bacumva canke babona Aayah n’ivyemezo vyayo; 24. Mbega none indyarya, ntizoza zitegera Qor’ani ngo zinyurwe n’ivyemezo vyayo! Canke imitima yazo irugaye, bigatuma zitanyurwa! 25. Mu vy’ukuri abahemutse mu kwemera bakava mw’idini, bakisubirako inyuma y’aho bamenyeye uburongozi bw’ukuri, shetani yarabaryohereje ivyaha bakora, maze ibaha umwizero w’ikinyoma; 26. Baraheza rero ku kwizera ikinyoma, bararendegera mu bugarariji bitewe n’uko babwiye abayahudi banse kwemera ivyamanuwe n’Imana Allah bati: “Tuzobumvira muri bimwebimwe bica kubiri n’ingingo z’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo”; burya rero Imana Allah, Irazi neza ivyo bahishije mu mushaha. 27. Mbega bazoba bamerewe gute igihe urwabo rwageze, maze abamalayika bakabica babakubita mu maso no ku kibuno! 28. Ico, ni co gihano bakwiye gitewe n’uko bumviye shetani, bagakurikira ibishavuza Imana Allah, bakanka no gukora ivyotuma Ibishimira, hatibagiwe kwanka guhangana n’abagarariji ku rugamba. Ivyo vyose rero, vyatumye Imana Allah Ireka kwakira ibikorwa vyabo vyiza, maze bicika impfagusa.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute