Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
020

Taha 20:71 قال امنتم له قبل ان اذن لكم انه لكبيركم الذي علمكم السحر فلاقطعن ايديكم وارجلكم من خلاف ولاصلبنكم في جذوع النخل ولتعلمن اينا اشد عذابا وابقى ٧١

20:71
قَالَ
ءَامَنتُمۡ
لَهُۥ
قَبۡلَ
أَنۡ
ءَاذَنَ
لَكُمۡۖ
إِنَّهُۥ
لَكَبِيرُكُمُ
ٱلَّذِي
عَلَّمَكُمُ
ٱلسِّحۡرَۖ
فَلَأُقَطِّعَنَّ
أَيۡدِيَكُمۡ
وَأَرۡجُلَكُم
مِّنۡ
خِلَٰفٖ
وَلَأُصَلِّبَنَّكُمۡ
فِي
جُذُوعِ
ٱلنَّخۡلِ
وَلَتَعۡلَمُنَّ
أَيُّنَآ
أَشَدُّ
عَذَابٗا
وَأَبۡقَىٰ
٧١
Firawuni yaciye abwira ba bakonikoni n’ishavu n’akantu, ati: “Ubu nyene murubahutse koko muremera Musa muranamukurikira imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri, biragaragaye ko Musa ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni! Kubera ivyo rero, ntegerezwa gucagagura amaboko n’amaguru yanyu binyuranije1; ntegerezwa no kubabamba ku bishitsi vy’itende, nta nkeka rero ko muheza mukamenya uwuhasha mu guhana mu buryo bwamaho, ko ari jewe canke Imana ya Musa”.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Fir`awn's turning against the Magicians, His threatening Them and Their Reply

Allah, the Exalted, informs of Fir`awn's disbelief, obstinance, transgression and haughtiness against the truth in favor of falsehood. When he saw what he saw of the magnificent miracle and the great sign, and he saw those

…

Fir`awn's turning against the Magicians, His threatening Them and Their Reply

Allah, the Exalted, informs of Fir`awn's disbelief, obstinance, transgres

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 20, Page 316, Juz 16

65. Ni ho rero ba bakonikoni bavuga bati: “Ewe Musa! Urashobora gutangura ugaterera hasi inkoni yawe, canke twebwe dutangure guterera hasi ivyo dufise”. 66. Musa yabishuye ati: “Ahubwo mwebwe nimutangure”. Ni ho rero baterera hasi imizana n’inkoni vyabo. Ku kubera nya bukonikoni bwabo, Musa yarahunitswe ku buryo abona ivyo batereye hasi nk’aho ari inzoka zigendagenda; 67. Maze Musa atekerwa n’ubwoba; 68. Ni ho Twebwe Allah Twabwira Musa Duti: “Ntugire ubwoba na gato, mu vy’ukuri ni wewe utegerezwa kubanesha; 69. Terera hasi iyo nkoni ufise mu kuboko kwawe kw’iburyo, iraheza imiragure imizana n’inkoni batereye hasi; mu vy’ukuri ivyo batereye hasi, nta kirimwo kiretse ko ari urwenge rwo guhunika abantu, kandi umukonikoni aho azanana hose ntashobora gushika ku ntsinzi”. 70. Ni ho rero Musa yaterera nya nkoni hasi, ya nkoni ica iramiragura nya mizana n’inkoni vya ba bakonikoni, gutyo aba aratsinze. Ba bakonikoni baciye bubama, maze bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema ya Musa na Haruna, kuko ivyo twiboneye n’amaso, si ubukonikoni namba”. 71. Firawuni yaciye abwira ba bakonikoni n’ishavu n’akantu, ati: “Ubu nyene murubahutse koko muremera Musa muranamukurikira imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri, biragaragaye ko Musa ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni! Kubera ivyo rero, ntegerezwa gucagagura amaboko n’amaguru yanyu binyuranije; ntegerezwa no kubabamba ku bishitsi vy’itende, nta nkeka rero ko muheza mukamenya uwuhasha mu guhana mu buryo bwamaho, ko ari jewe canke Imana ya Musa”. 72. Ba bakonikoni baca babwira Firawuni bati: “Ntidushobora guhitamwo kugukurikira ngo tureke kwemera ivyemezo vyerekana ukuri kwa Musa no kwemera Imana Allah Yaturemye. Gira ivyo wipfuza mu kuduhana, mu vy’ukuri wewe ububasha bwawe udufiseko, ni ubwo mu buzima bwo kw’isi, ibihano vyawe biherera ng’aha kw’isi; 73. Mu vy’ukuri, twebwe twemeye Imana yacu Rurema Allah n’Intumwa Musa, twubahirije n’amabwirizwa yayo, kugira Itubabarire ivyaha vyacu n’ibicumuro vy’ubukonikoni waduhatiyeko gukora mu guhakana Musa. Burya Imana Allah, ni Yo Nyenindishi nziza kugusumba, Nyenibihano vyamaho ku bigaba; 74. Kukaba nkako, uwuzoza ku Mana yiwe Rurema Allah yarayigararije, azosanga yategekenirijwe ibihano mu muriro wa Jahannamu, ntazopfa muri nya muriro ngo awuruhuke, eka ntazonawubamwo ubuzima buhimbaye; 75. Nayo uwuzoza ku Mana yiwe Rurema Allah yarayemeye, akaba yaranakoze n’ibikorwa vyiza bitegetswe, azoba ari mu bategekanirijwe ivyubahiro vyo hejuru; 76. Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera, iyo ni na yo ndishi rero y’uwejeje umutima wiwe, akiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose akanayisenga atayibangikanya gushika gupfa”.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute