Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
010

Yunus 10:13 ولقد اهلكنا القرون من قبلكم لما ظلموا وجاءتهم رسلهم بالبينات وما كانوا ليومنوا كذالك نجزي القوم المجرمين ١٣

10:13
وَلَقَدۡ
أَهۡلَكۡنَا
ٱلۡقُرُونَ
مِن
قَبۡلِكُمۡ
لَمَّا
ظَلَمُواْ
وَجَآءَتۡهُمۡ
رُسُلُهُم
بِٱلۡبَيِّنَٰتِ
وَمَا
كَانُواْ
لِيُؤۡمِنُواْۚ
كَذَٰلِكَ
نَجۡزِي
ٱلۡقَوۡمَ
ٱلۡمُجۡرِمِينَ
١٣
Babangikanyamana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahoneje imigwi y’abantu b’abagarariji b’aho hambere yanyu igihe bagarariza, bakaba bari bararungikiwe n’Intumwa z’Imana Allah zibashikiriza ivyemezo bigaragaza ukuri kwazo, ntibaheza ngo bazemere. Ni nk’uko nyene rero - Twabahoneje - Duhemba abantu b’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu.
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

The Admonition held in the Destruction of the Previous Generations

Allah tells us about what happened to past generations when they belied the Messengers ﷺ and the clear signs and proofs the latter brought to them. Allah then made this nation successors after them. He sent to them a Messenger to test

…

The Admonition held in the Destruction of the Previous Generations

Allah tells us about what happened to past generations when they belied the Messenge

…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 10, Page 209, Juz 11

11. Imana Allah, iyo Yihutira kwishura ikibi gisabwa n’abantu nka kurya Yihutira kwishura iciza basavye, ni ukuri bari guhona, hanyuma Twebwe Allah Tugaheza Tukarekera abatizeye guhura na Twe, mu bugarariji bwabo bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana. 12. Iyo umuntu akozweko n’ivyago, aca adusaba Twebwe Allah adutakambira ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; yaba mu gihe akitse urubavu, mu gihe yicaye canke ahagaze; Turamutse rero Tumukuyeko nya vyago vyamushikiye, aca abandanya mu ngeso mbi nk’uko yari ari nya vyago bitaramushikira; womenga ntiyigeze atwitabaza ngo ashoke adushimira! Ni nk’uko nyene rero - uwushikiwe n’ivyago aryoherezwa kubandanya kugarariza inyuma yo kubimukurako - shetani iryohereza abimonogoje mu bugarariji, kubandanya bagarariza. 13. Babangikanyamana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahoneje imigwi y’abantu b’abagarariji b’aho hambere yanyu igihe bagarariza, bakaba bari bararungikiwe n’Intumwa z’Imana Allah zibashikiriza ivyemezo bigaragaza ukuri kwazo, ntibaheza ngo bazemere. Ni nk’uko nyene rero - Twabahoneje - Duhemba abantu b’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu. 14. Bantu! Mu nyuma y’ihonywa ryabo rero, Twabagize abasubirizi kw’isi kugira Turabe ivyo mukora; vyaba ivyiza canke ibibi, gutyo Tuzoheze Duhembere umwe wese muri mwebwe ivyo yakoze. 15. Ababangikanyamana iyo basomewe Aayah zacu Twebwe Allah zitomoye, abatizeye ko bazozuka bagahura na Twe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze, baca binamura bakavuga bati: “Enda nyabuna, zana iyindi Qor’ani atari iyi canke uhindure ingingo zirimwo”. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Sindekuriwe kugira na kimwe mpinduye muri Qor’ani, nshira mu ngiro nkubahiriza ivyo mpishuriwe n’Imana Allah; jewe mu vy’ukuri, ndatinya mu gihe noca kubiri n’amabwirizwa y’Imana yanje Rurema Allah, ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”. 16. Ntumwa y'Imana! Ishura abo babangikanyamana uti: Imana Allah iyo Ishaka, sinari kubasomera Qor’ani, eka ntiyari no kuyibamenyesha namba, ni ukuri murazi neza ko nabanye na mwe igihe kirekire, sinari bwigere ndabasomera Qor’ani imbere yuko ndayihishurirwa. Mbega none ntimugira ubwenge ngo mutahure koko, ko Qor’ani ari ukuri kuzima! 17. Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah canke uwuhakana yivuye inyuma Aayah zayo. Mu vy’ukuri, abanyavyaha bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo, ntibazokwigera baroranirwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute