Sign in
Sign in
Sign in
Select Language
010

Yunus 10:85 فقالوا على الله توكلنا ربنا لا تجعلنا فتنة للقوم الظالمين ٨٥

10:85
فَقَالُواْ
عَلَى
ٱللَّهِ
تَوَكَّلۡنَا
رَبَّنَا
لَا
تَجۡعَلۡنَا
فِتۡنَةٗ
لِّلۡقَوۡمِ
ٱلظَّٰلِمِينَ
٨٥
Abantu ba Musa baciye bamwishura bavuga bati: “Twaramaze kwizera Imana Imwe Rudende Allah. Mana yacu Nzima! Ntutugire imvo y’igeragezwa mw’idini ku bantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yawe1;
Continue Reading

Read Tafsir

Ibn Kathir (Abridged)

Musa encouraged His People to put Their Trust in Allah

Allah told us that Musa said to the Children of Israel:

يقَوْمِ إِن كُنتُمْ ءامَنْتُمْ بِاللَّهِ فَعَلَيْهِ تَوَكَّلُواْ إِن كُنْتُم مُّسْلِمِينَ

(O my people! If you have believed in Allah, then put your trust in Him if you are Muslims.) Allah is

…

Musa encouraged His People to put Their Trust in Allah

Allah told us that Musa said to the Children of Israel:

يقَوْمِ إِن كُنتُمْ ءامَنْتُمْ بِاللَّهِ
…
More Tafsirs

Read in Context

Chapter 10, Page 218, Juz 11

83. Hamwe n’ivyo bitangaro vyose rero, Musa nta wamwemeye mu bantu biwe ku gutinya ibihano vya Firawuni n’abunganizi biwe, kiretse abantu bari ku rushi bari muri Bene Israyeli. Mu vy’ukuri, Firawuni yarimonogoje mu bwishime kw’isi; mu vy’ukuri, yari no mu bimonogoje mu bugarariji. 84. Musa yabwiye abantu biwe ati: “Bantu banje! Nimwaba mwemera Imana Imwe Rudende Allah mukubahiriza n’amabwirizwa yayo, enda nyabuna rero, nimuyizere nimwaba mwicisha bugufi kuri Yo”. 85. Abantu ba Musa baciye bamwishura bavuga bati: “Twaramaze kwizera Imana Imwe Rudende Allah. Mana yacu Nzima! Ntutugire imvo y’igeragezwa mw’idini ku bantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yawe; 86. Dukingire ku mpuhwe zawe, ihohotera n’agacinyizo k’abantu b’abagarariji”. 87. Twaranahishuriye Musa na murumunawe Haruna Duti: “Nimufate muronderere abantu banyu amazu muri Misiri bahungiramwo ihohotera n’agacinyizo ka Firawuni, muheze mugire nya mazu ihuriro ryanyu, mwongere mutsimbataze isengesho ku mwanya waryo. Musa! Uranashikiriza kandi abemeramana inkuru nziza ihumuriza y’intsinzi n’indishi ihambaye”. 88. Musa yahavuye atakambira Imana Allah avuga ati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wewe Wahaye Firawuni n’abunganizi biwe ibiryohera amaso mu buzima bwo kw’isi, ha kugushimira, babikoresheje mu guhubisha abantu inzira yawe. Mana yacu Rurema Allah! Honya amatungo yabo ntihagire ico azobamarira, Wongere Utere ikimangu ku mitima yabo, ntibazokwemere gushika bibonereko ibihano bibabaza”. 89. Imana Allah Yishuye Musa na Haruna Iti: “Ni ukuri, igisabisho canyu kuri Firawuni, camaze kwemerwa. Kubera ivyo rero, nimuhagararire idini ryanyu bikwiye, mubandanye kurarikira Firawuni n’abunganizi biwe, ukwemera Imana Imwe Rudende Allah; ntimugakurikire namba inzira y’abadatahura ukuri kw’isezerano ryanje”. 90. Twaranajabukije Bene Israyeli ibahari, maze Firawuni n’abunganizi biwe baraheza barabakurikira kubera akarenganyo n’urwanko babafitiye; Firawuni atanguye gusoma nturi, ni ho yavuga ati: “Nemeye ko ata mana kiretse Imana Yemewe na Bene Israyeli, kandi nanje ndi mu bislamu bicisha bugufi, basenga Imana Imwe Rudende batayibangikanya”. 91. Ewe Firawuni! Ubu uri ku mpfiro, ni ho wemanga ko Imana ari Imwe Rudende, kandi wahora uyigarariza imbere yuko usoma nturi, wari no mu bononyi baca kubiri n’amabwirizwa yayo! 92. Uno musi rero, Turarokora ikiziga n’ibihimba vyawe kugira abohakana ko atari wewe wasomeshejwe nturi, bakwibonere ukuri kwamye, uheze ubere inkebuzo abazoza mu nyuma. Mu vy’ukuri, abenshi mu bantu baragotwa bakirengagiza ivyemezo vyacu.

- Kirundi Translation - Yusuf Gheti

Notes and Reflections

You do not have any notes or reflections on this verse.

Notes placeholders

Stay Connected to the Quran ❤️

Short meaningful reminders to reset, reflect and stay connected to the Quran.

Read, Listen, Search, and Reflect on the Quran

Quran.com is a trusted platform used by millions worldwide to read, search, listen to, and reflect on the Quran in multiple languages. It provides translations, tafsir, recitations, word-by-word translation, and tools for deeper study, making the Quran accessible to everyone.

As a Sadaqah Jariyah, Quran.com is dedicated to helping people connect deeply with the Quran. Supported by Quran.Foundation, a 501(c)(3) non-profit organization, Quran.com continues to grow as a free and valuable resource for all, Alhamdulillah.

Navigate
Home
Quran Radio
Reciters
About Us
Developers
Product Updates
Feedback
Help
Donate
Our Projects
Quran.com
Quran For Android
Quran iOS
QuranReflect.com
Quran.AI
Sunnah.com
Nuqayah.com
Legacy.Quran.com
Corpus.Quran.com
Non-profit projects owned, managed, or sponsored by Quran.Foundation
Popular Links
Duas from the Quran
Quran Verse of the Day
Ayatul Kursi
Yaseen
Al Mulk
Ar-Rahman
Al Waqi'ah
Al Kahf
Al Muzzammil
SitemapPrivacyTerms and Conditions
© 2026 Quran.com. All Rights Reserved
Contribute